Umugore yagirizwa "gutuka" Perezida Museveni yanse kuva mw'ibohero ngo yigishe abagore bapfunganywe

Ahavuye isanamu, Reuters
Umugore aharanira amateka yagirizwa "gutuka" Perezida Museveni n'umuvyeyi wiwe yashengeye yanse kuva mw'ibohero ngo yigishe abagore bapfunganywe ingene bakoresha imbuga hwaniro ya Facebook. Ugandan activist rejects bail to 'teach Facebook'
Urubanza rwa Stella Nyanzi rwitezwe gutangura itariki 22 z'ukwezi kwa 11.
Mu mwaka uheze yagirijwe icaha co "gutoteza" igihe yise Perezida Yoweri Museveni "matako abiri".
Madamu Nyanzi yabwiye sentare iri kw'ibarabara Buganda Road ku wa gatanu:
"Batohoza ku biki - ko Yoweri Museveni yatutswe? Ngiye kugumana na barya bagore b'i Luzira [ibohero] ndabigishe ingene bandika kuri Facebook. Igihe bazofungugwa bashobore kwandika nkuko nandika.
"Nk'umwanditse...umunyavyese...kwandikira abantu benshi, nandika ntyoza ubutegetsi."
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa






