Umugandakazi yagirizwa gutuka Museveni yagumijwe mu munyororo

Ahavuye isanamu, Reuters
Umugandakazi agwanira amateka yagirizwa gutuka Prezida Museveni "matako" yagumijwe mu munyororo gushika mu kwezi kuza.
Uwunganira mu rubanza Stella Nyanzi yabwiye sentare yuzuye gushika ku bunwa mu muji wa Kampala, ko umukiriya wiwe yankiwe kubonana n'umuryango wiwe hamwe n'umugwi w'abamwunganira mu rubanza.
Umupfasoni Nyanzi, yagirizwa gutukana abicishije ku mbuga hwaniro, avuga ko atabona amakosa yagirizwa ngo kuberako akunze kwandika akoresha imvugo ngereranyo.
Stella Nyanzi yanditse ku mbuga hwaniro anegura igituma Prezida Museveni atashize mu ngiro ivyo yiyemereye yiyamamaza, avuga ko agiye gutanga kotex za gusa ku bakobwa b'abanyeshule badashobora kuzigurira.






