Umutahe mpuza makungu wo gufata Katumbi wasohotse

Ahavuye isanamu, Getty Images
Katumbi agiye gufatwa aho azoba ari hose, ku cifuzo ca leta y'igihugu ciwe. Ni inkina mico, kubamuyoboka.
Uvy'uwo mutahe, vyemezwa n'umushikiranganji wo gutumanako amakuru, anavugira leta, Lambert Mende.
Uko niko icuka kibi kibandanya ciyongera hagati ya leta ya Kongo na Moise Katumbi, azwi nk'uwukomeye mu batavuga rumwe na leta.
Moise Katumbi, yanabaye umukuru w'intara ya Katanga, yagirizwa na leta forode, mw'igurishwa ry'ubutaka.
"Murazi ko leta yamuciriye igihano co gufungwa imyaka itatu, kandi agafatwa aho ageze hose".
Ibi vyibukijwe na Lambert Mende, umuvugizi wa leta.
Mu gusigura uyu mutahe mpuza makungu wo gufata Katumbi, Mende yavuze ati:
"Ivyo tubisaba ibihugu vyose twasinyiraniye amasezerano yo gufashanya muvy'ubutungane".
Olivier Kamitatu, umwe mubayoboka Katumbi yabwiye BBC ati:
"Ivyo ni n'agasuzuguro ku butungane bw'igihugu, kuko ntitunazi n'ivyinyegeje inyuma y'iyo nkina mico, bashaka kugira mpuza makungu".
We yasiguye ko Katumbi ariko agirwa ko akarenganyo katagira izina.
Kubwa Lambert Mende, "Umuntu wese abwirizwa kwishura ibimwagira, ibwirizwa nshingiro, kimwe n'ayandi mategeko y'igihugu akora kuri bose".
Haraheze indwi, uyu mu nye politike Katumbi, w'imyaka 53, agerageje kwinjira mu gihugu, akaburizwamwo ku mupaka wa Kongo na Zambiya.
Katumbi yashaka kwinjira mu gihugu, ngo atange ivya ngombwa nk'uwushaka kwiyamamariza ikibanza c'umukuru w'igihugu, amatora azoba mukwa 12.
Leta yo yemeza ko atigeze anashika ku mupaka.
Yamara, leta iratomora ko ata gisivya, Katumbi ashitse ku butaka bwa Kongo, yoca afatwa.










