Ng'izi insiguro z'ubutunzi n'ubutindi biranga Kongo

DRC, Kongo, Inzahabu, Kabila

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Amashamba, imisozi, ibiyaya, inzuzi n'agataka ka Kongo muri rusangi vyuzuye ubutunzi

Iki cegeranyo cerekana uko Republika iharanira Demokarasi ya Kongo ishobora kuba ari igihugu ca mbere kw'isi gifise ubutunzi bwinshi.

Uwujejwe uruganda rwo kumenyesha amakuru muri BBC Africa Fergal Keane, yerekana ko amakuba ico gihugu kirimwo ashingiye no kuri kahise.

Abisigura afatiye ku bunyonyezi buri mu barongozi bakurikiranye, bahitanye imiliyoni z'abantu kandi bakabiraramangana.

Ibi ni bimwe mu bigize icegeranyo ciwe :

Ubutuzi bwabaye inkwezi y'amarere

  • Republika ya Demokrasi ya Congo ifise ama dolari imiliyaridi ibihumbi 24 vy'amabuye y'ubutare.
  • Ubwo butunzi bufatiye ku mabuye y'agaciro nk'ay'inzahabu, Diamond, copper, unanium cobalt na coltan.
  • Ugutera imbere kw'isi mu bijanye n'ubuhinga vyatumye hakenegwa amabuye y'agaciro bita Coltan ari muri Congo.
  • Ariko abantu 7 kuri 10 mur'ico gihugu babayeho munsi y'urugero rw'ubukene.

Amahanga yamye abafasha kwisamburirako

  • Umwami w'ingoma y'u Bubirigi Leopold II yahitanye imiliyoni cumi y'abantu mu mu kunyuruza ubutunzi bw'ico gihugu.
  • Ububirigi n'igisata kijejwe iperereza rya America vyatanze itegeko ko uwaharaniye ukwikukira kw'iyo Kongo yicwa.
  • Perezida Mobutu yashizwe ku butegetsi n'abanya Bulaya yongera yiba icakabiri c'imfashanyo igenewe igihugu.
  • U Rwanda na Uganda nivyo vyafashije inyeshamba zakuye kubutegetsi Mobutu.
  • Ivyo bihugu bibiri nivyo vyashize ku butegetsi umuryango wa Kabila.
  • Imiliyoni 5 z'abantu zarapfuye mu ndwano ivuye ku gushaka kwifatira uturere twa Kongo, n'ubutunzi bwayo.
  • Ibihugu 9 hamwe n'imigwi myinshi y'inyeshamba vyari muri iyo ngwano.
DRC, Kongo, Inzahabu, Kabila

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Amajana nt'abuza amarira

Amakosa yoba ari ayande?

  • Imigwi iharanira agateka ka zina muntu imenyeshako imiliyoni 750 y'amadolari avuye mu mabuye y'agaciro amaze kwibwa kuva Joseph Kabila afashe ubutegetsi.
  • Joseph Kabila aramaze kurenza ikiringo ca kabiri ku butegetsi, asanzwe ahabwa n'ibwirizwa shingiro.
  • Abiyamiriza ibiriko biraba ntiboroherezwa igihe basaba ko amatora yoba mugaragaro.