Papa ntiyacishije mu kanwa ijambo 'Rohingya'

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu rugendo ari mwo i Myanmar, Papa yashikirije ijambo aho yasavye ko 'hubahirizwa ubwoko bwose' atadomyeko urutoke aba ilsam b'aba Rohingya.
Abaharanira agateka ka zina muntu bari basavye Papa gukoreshwa iryo jambo mu kwibutsa akaga abo bantu barimwo.
Abategetsi bakuru mw'idini rya Katolika i Myanmar bamusavye kudahirahira ngo akoreshe ijambo "Rohingya".
Myanmar yagirizwa guhonya ubwoko, aho aba Rohingya 620.000 bamaze guhungira muri Bngladesh kuva mu kwezi kw'umunani.
Reta ya Myanmar ntiyera iryo jambo rya 'Rohingya' ryiswe abantu b'aba "Bengalis".

Ahavuye isanamu, AFP
Ivuga ko ari abimukira baje bava muri Bangladesh badakurikije amategeko, ko rero badakwiye gushirwa ku rutonde rw'ubwoko buri muri ico gihugu.
Ariko n'aho ataduduriyeko ijambo "Rohingya", ijambo rya Papa ryari rikomeye cane mu kuvuganira agateka k'ubwo bwoko.
Onu yavuze ko uko igisirikare ca Myanmar gifata aba Rohingya ari nko kugira ihonyabwoko, ariko Aung San Suu Kyi arabihakana.










