Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Conte asaba Mourinho kutinjira mu buzima bwa Chelsea
Umumenyereza w'umugwi Chelsea Antonio Conte yavuze ko umumenyereza wa Manchester United Jose Mourinho akwiye kwiraba agahagarika kuguma avuga ku vyerekeye umugwi yahora amenyereza.
Conte arababajwe n'abakinyi ba Chelsea bamaze gukomereka mw'ihiganwa ry'uno mwaka, ko ukunganya na Roma 3-3 mw'ihiganwa rya Champions League bitumye baja mu gihe bakwiye kwihutisha kuraba ingene bova mu ngorane barimwo.
Mourinho, yamenyereje imyaka ibiri Chelsea, yavuze ko hari abamenyereza "baguma batera induru" ngw'abakinyi babo bakomeretse.
"Ni kenshi Mourinho aguma araba ibiba muri Chelsea," nikwo Conte yavuze.
Uwo mutaliyano yabandanije ati: " Ni kenshi, no mw'ihiganwa riheze, nibaza ko akwiye kwiyumvira ku bijanye n'umugwi wiwe agahagarika kuraba ivy'abandi, akiraba."