Sadio Mane: iki gihangange ca Liverpool yitiriwe ikibuga muri Senegal

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Oluwashina Okeleji
- Igikorwa, Umwanditsi mu vyo inkino, Nigeria
Sadio Mané yaronse ikibuga kimwitiriye mu gisagara ca Sedhiou muri Sénégal inyuma yo gufasha igihugu ciwe gutahukana igikombe c'ihiganwa rya Afrika mu mupira w'amaguru.
Uyu musatirizi wa Liverpool yinjije penalty yavuyemwo itsinzi igihe umurwi nserukiragihugu wa Sénégal Lions de la Teranga ( Intambwe za Teranga) zatsinda Misiri ku ma penalty 4-2, maze utahukana ku ncuro ya mbere ihiganwa rya Afrika mu mupira w'amaguru, ni inyuma y'urukino rwa nyuma rwarangiye ari 0-0.
Ibitsindo bitatu yinjije akongera agatanga imipira ibiri yavuyemwo ibitsindo kuri uyu murwi w'iki gihugu co muri Afrika y'uburengero muri iryo higanwa vyatumye aronka agashimwe k'umukinyi mwiza (Most Valuable Player, MVP), ubu naho umukuru w'igisagara ca Sedhiou, Adboulaye Diop, akaba yavuze ko ikibuga c'umupira kigiye kwitirirwa uyu mwana wabo akundwa cane.
Diop yasubiwemwo n'ibinyamakuru vyo muri ico gihugu avuga ati: "Mu kwitirira Sadio Mané iki kibuga Stade de Sédhiou, nashaka gushimira abahungu n'abakobwa bose bo muri ino ntara, ndabicishije ku mugabo amenyekanishije kw'isi yose, Bambali n'umugwa mukuru wayo Sédhiou".
"Ni ukuri Sadio Mané arakwiye guhabwa iri teka".
Mané yarakunzwe n'amamiriyoni y'abantu kubera ibikorwa vyiwe vyo gufasha mu karere avukamwo inyuma yo kubemerera amafaranga yo kwubaka ibitaro n'ishure, anatanga n'intererano zo kwubaka imisigiti, yongera atanga amafaranga yo gufasha kurwanya Covid-19.
Imbere y'urukino rwa nyuma rw'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere i Bulaya mu kwa gatanu 2018, Sadio Mané yahaye imipira ya Liverpool abafana ba Bambali kugira ngo bazobe bayambaye igihe urwo rukino rwariko ruraba.
Ico gihe, Mané yavuze ati: "Hari abantu bashika 2000 mu kigwati. Naguze imipira 300 ya Liverpool ndayirungikira abantu mu kigwati kugira ngo abafana bayambaye igihe bazoba bariko bararorera urukino rwa nyuma".
Bambali niho Mané yarabiye urukino rwa nyuma rwabaye rurangiranwa hagati ya Liverpool na AC Milan mu 2005, aho Liverpool yivyukiranya yari yatsinzwe 3-0 mu gice ca mbere, ariko vyose irabikurayo mu gice ca kabiri, mbere iruhira gutahukana iri higanwa, ico gihe Mané yari afise imyaka 13. Ntiyigera yibagira i muhira.
Urugendo rwa Mané rwabaye rurerure gushika aho aba umukinyi rurangiranwa kw'isi yose, atanguriye muri Metz mu Bufaransa gushika muri Liverpool abanje guca muri RB Salzburg yo muri Autriche/Austria no muri Southampton.
Uyu mukinyi w'umwaka ku mugabane wa Afrika yaripfuza cane gutahukana iki gikombe muri Sénégal inyuma yo gutsindira ihiganwa ry'Ubwongerza Premier League hamwe n'ihiganwa rya Bulaya rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Uefa Champions League) na Liverpool.
Inyuma y'intsinzi y'umurwi wiwe muri Cameroun/Cameroon, Mané avuga ko gutsindira Sénégal mu gikombe ca mbere ca Afrika mu mupira w'amaguru ari co kintu ca mbere gikomeye ashitseko mu mwuga wiwe wo gukina umupira.










