Barcelona yemeje ko Xavi Hernandez yagarutse nk'umumenyereza

Xavi Hernandez yakiniye Barcelona kuva 1998 gushika 2015

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Xavi Hernandez yakiniye Barcelona kuva 1998 gushika 2015

Uwahoze akina hagati muri Barcelona Xavi Hernandez yagarutse muri uyu murwi wo muri Espagne nk'umumenyereza mu masezerano yo gushika mu 2024.

Uyu munya Espagne w'imyaka 41 yahora amenyereza umurwi Al Sadd wo muri Qatar kuva mu 2019, ariko ejo ku wa gatanu uyu murwi waremeye kumurekura kugira agende muri Barcelona inyuma y'aho iyi mirwi ishikiye ku masezerano.

Barcelona ivuga ko aya masezerano azotangurana n'igice gisigaye c'umwaka w'inkino 2021-22 abandanye mu yindi myaka ibiri izokurikira.

Yitezwe muri Espagne muri iyi misi y'impera z'iyi ndwi, akaba yiteze kwerekanwa ku mugaragaro i Nou Camp ku wa mbere.

Mw'ireresi yarungikiye abafana, uyu yahoze ari umukinyi yafashije igihugu ciwe gutahukana igikombe c'isi yose mu 2010 hamwe n'ibikombe vya Bulaya incuro zibiri yavuze ati:

"Si nari nasezeye burundu, nari navuze nti 'tuzosubira vuba'. Nou Camp hamye ari muhira kuri jewe".

"Muri abafana banje, abantu banje, uyu murwi nkunda cane. Ubu rero ndagarutse muhira. Vuba turi kumwe bagenzi. Forca Barca."

Inyuma y'inkino 767 agatsindira ibikombe 25 mu myaka 17 yose yamaze muri Barcelona, Xavi yasezeye uyu murwi mu 2015 aja muri Al Sadd, aho yashikiye ubwa mbere nk'umukinyi.

Yahavuye aba umumenyereza wayo mu 2019 inyuma y'aho akukurukiye nk'umukinyi, akaba yarawufashije mu mwaka w'inkino uheze gutahukana igikombe c'ihiganwa. Mu nkino 36 zose Al Sadd ntirigera itsindwa.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Kuva Barcelona yirukanye Ronald Koeman ku wa 27 z'ukwa cumi, Xavi yaravuzwe cane ko yashobora gusubira i Nou Camp ari na ho yamaze igihe kinini cane mu mwuga wiwe w'umupira w'amaguru.

Barcelona ubu iza mu kibanza c'icenda mw'ihiganwa La Liga rya Espagne, imaze gutsinda inkino zine gusa mu nkino cumi na rumwe za mbere imaze gukina, ikaba isumbwa na Real Sociedad iza mu kibanza ca mbere amanota icenda yose.

Uyu murwi wo mu ntara ya Catalonia ihanganye n'ikibazo c'ubukene bw'amafaranga, mbere ukaba waranananiwe no kugumana umukinyi rurangiranwa yahoze akinana na Xavi, Lionel Messi, kubera ikibazo c'umushahara wiwe.

Barcelona yarananiwe no gusohora ayandi mafaranga kugira ngo igure abandi bakinyi mu ci riheze, ikaba yaronse Memphis Depay, Sergio Aguero na Eric Garcia kuri gusa, hanyuma umusatirizi Luuk de Jong nawe akinjira avuye muri Sevilla nk'intizo.

Imbere y'umuzo wa Xavi, umukuru wa Barcelona Joan Laporta yigeze kuvuga ati: "Namye ndabivuga kuva kera ko impera n'imperuka (Xavi) azoba umumenyereza wa Barcelona, ariko sinzi igihe".