Umuyabaga wa Barcelona ava Guinée-Bissau, Ansu Fati w’imyaka 16, yahawe ubwenegihugu bwa Espagne

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umuyabaga Ansu Fati w'imyaka 16 akinira Barcelona yahawe ubwenegihugu bwa Espanye, ikaba ari inzira yuguruwe ngo ico gihugu gishobore kumukinisha mu nkino mpuzamakungu.
Uyo muyabaga w'imyaka 16 afise kandi uburenganzira bw'ugukinira igihugu ciwe c'amavukiro ca Guinée-Bissau , ariko kandi agashobora n'ugukinira Portugal aho sekuru na inakuru basanzwe bari.
Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati nibwo bwafashe ico cemezo c'ukumwemerera igisabo ciwe inyuma y'aho akwirije imyaka 10 aba muri ico gihugu nk'uko bisabwa n'amategeko.
Ivyo bivuga ko Fati ashobora gukinira umurwi nserukiragihugu wa Espanye mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi c'umupira w'amaguru w'abatarenza imyaka 17 ryimirije gutangura muri Brezili ku wa 26 z'ukwezi kw'icumi uno mwaka.
Ariko n'aho azokinira Espanye mu murwi nserukiragihugu w'abatarenza imyaka 17, amategeko agenga ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA avuga ko ashobora guhindura agakina mu murwi w'abakuze.
Ku munsi wa kabiri w'iyi ndwi, Fati yabaye umukinyi wa mbere muto cane akiniye Barcelona mw'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyabo (Champions League), mu rukino rwayihuje na Borussia Dortmund rukarangira ari 0-0.
Uyo mukinyi w'imyaka 16 ariko yerekana ibintu bidasanzwe mu mupira w'amaguru mu murwi wiwe Barcelona, ibitangaza abatari bake ku myaka yiwe.
Mu nkino zine gusa za mbere Barcelona imaze gukina mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru rya Espanye, La Liga, Fati amaze gutsinda ibitsindo bibiri.
Yatanguye gukinira Barcelona igihe uyo murwi wahura na Real Betis, akaba yagiye kwinjira mu kibuga ku munota wa 78 asubiriye umukinyi yitwa Perez.
Fati yatangujwe mu kibuga ubwa mbere igihe Barcelona yatana mu mitwe na Valencia ku wa gatandatu w'indwi iheze, aho yataye abantu mu gahundwe mu gutsinda igitsindo ca mbere ku munota wa kabiri gusa urukino rutanguye, rukaba rwagiye kurangira Barcelona inyagiye Valencia ibitsindo 5 kuri 2.










