Trump yisubiyeko mu gukora igitero c'ukwihora Irani

Ahavuye isanamu, AFP
Ibimenyeshamakuru muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bimenyesha ko Perezida Donald Trump ejo ku wa kane yari yatanze uruhusha rw'ugukora ibitero vy'ukwihora kuri Irani, mu nyuma arisubirako.
Irani ejo yatangaje ko yakoroye indege (drone) ya Amerika mu kirere cayo, Bwana Trump yatangaje ko Irani yihenze cane gukorora iyo ndege.
Ikinyamakuru New York Times casubiyemwo amajambo ya bamwe mu bakozi bakuru bakuru b'ibiro vy'umukuru w'igihugu, avuga ko hari ibitero vyari bitegekanjiwe ku birindiro "bimwe bimwe".
Ku mugoroba, ico kinyamakuru camenyesheje ko igisirikare n'abajejwe imigenderanire ya Amerika bari biteze ivyo bitero ku birindiro vyari vyumvikanyweko, harimwo no gutera vya bisasu vya misile.
Itororokanyirizo ry'amakuru Associated Press naryo ryasubiyemwo amajambo y'umutegetsi w'ico gihugu avuga ko ivyo bitero vyategetswe n'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, Pentagon, kandi ko yari yamenyeshejwe abategetsi.
New York Times imenyesha ariko ko abategetsi bakuru ba Pentagon bagabishije ko ibitero vya gisirikare vy'ukwihora bifise gutuma ibintu vyunyuka, bikanagira ingaruka mbi ku basirikare ba Amerika bari muri karere hafi ya Irani.
Associated Press imenyesha ko ivyo bitero vyagiye guhagarikwa na Bwana Trump inyuma y'umubonano yagiranye n'abahanuzi muvyo umutekano n'abarongoye inama nshingamateka vyamaze hafi umunsi wose wo ku wa kane.
Ico kinyamakuru kivuga ko umunyamabanga wa leta, Mike Pompeo, n'umuhanuzi mu vyo umutekano, John Bolton, basaba ko hafatwa ingingo ruhasha, ariko abategetsi ba congress bobo bagasaba kwiyubara.
Eka n'abademocrate ntibashima ko hoba intambara hagati ya Amerika na Irani.
Nancy Pelosi arongoye inama nshingamateka ya Amerika avuga ko ico gihugu ata shaka gifise ry'ukurwana na Irani.
Eka na Joe Biden asanzwe ariko yiyamamariza guserukira uwo mugambwe mu matora y'umukuru w'ico gihugu, avuga ko inzira yafashwe na Perezida Trump ku gihugu ca Irani ari "akaga yitayemwo".
Nayo Chuck Schumer, arongoye umurwi w'abademocrate muri Senat ya Amerika, avuga ati: "Umukuru w'igihugu ashobora kuba ubu atipfuza kwinjira mu ntambara, ariko dufise ubwoba ko we n'ubutegetsi bwiwe bashobora kwisanga bayinjiyemwo".
Gushika ubu ivyerekeye ivyo bitero biracarimwo igipfungu.

Ahavuye isanamu, EPA
Ejo ku wa kane mu gatondo, igisirikare ca Amerika caremeje ko misile y'igisirikare ca Irani yakoroye iyo drone yaco. Hagati aho, abategetsi ba gisirikare ba Amerika bavuga ko iyo ndege yari mu karere mpuzamakungu ka Strait of Hormuz igihe yaraswa.
Mu gihe ibintu bitera vyunyuka hagati y'ivyo bihugu, umukuru w'igihugu c'Uburusiya, Vladimir Putin, aragabisha ko intambara hagati ya Amerika na Irani ishobora kuba "akaga gashobora kugira ingaruka mbi zitari zitezwe".
Ku ruhande rwiwe, umunyamabanga w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres , asaba ashimitse impande zompi kwigumya.










