Uwahoze ari umukinyi rurangiranwa wa Brezil, Pelé, yumva ‘amerewe neza’ inyuma y'aho yinjiriye ibitaro

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwahoze ari umukinyi rurangiranwa mu mupira w'amaguru wo mu gihugu ca Brezil, Pelé, avuga ko yumva "amerewe neza cane" inyuma y'aho yinjiriye ibitaro vyo mu gihgu c'Ubufaransa kubera indwara ifatira mu bihimba bisohora umwanda mutoya (infection urinaire).
Edson Arantes do Nascimento, azwi kw'izina Pelé, ubu afise imyaka 78 y'amavuko, yari yinjijwe ibitaro ku munsi wa gatatu w'iyi ndwi inyuma y'ibikorwa vy'ukwamamaza yagiranye n'umukinyi Kylian Mbappe asanzwe ari umusatirizi w'umurwi Paris St-Germain.
Yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter agira ati: "Imiti bampaye iriko irakora kandi ibipimo bimeze neza. Nibaza ko nshobora gusubira gukina".
Mu myaka iheze, Pelé yari yinjiye ibitaro kubera ingorane z'amafyigo n'agace ko mu bihimba vy'irondoka bita "prostate", mu mwaka uheze naho akaba yarinjiye ibitaro kandi kubera uburuhe.
Mu myaka 21 yakinye umupira w'amaguru, uyo mukinyi azwi nk'umukinyi wa mbere w'umupira w'amaguru kw'isi atawundi aramushikira mu mateka y'urwo rukino, yinjije ibitsindo 1281 mu nkino 1363 yankinye, harimwo ibitsindo 77 yinjirije igihugu ciwe Brezili mu nkino 91.
Niwe mukinyi wenyene amaze gutwara ibikombe vy'isi bitatu mu mupira w'amaguru, aho yafashije igihugu ca Brezili gutsinda incuro zitatu ihiganwa ry'isi yose mu mupira w'amaguru mu myaka ya 1958, 1962, na 1970, aho mbere n'ishirahamwe mpuzamakungu ry'umupira w'amaguru, FIFA, ryaciye rimutora ko ari we mukinyi wa mbere w'ikinjana ca 20 kirangiye.






