Pep Guardiola ashaka ko ikipe ye itsinda Arsenal mu mukino unogeye ijisho, igaha gasopo Liverpool

Bernardo Silva na Raheem Sterling (uri inyuma) ni bo batsinze ibitego ubwo Manchester City yatsindaga Arsenal 2-0 mu kibuga Emirates cya Arsenal ku itariki ya 12 y'ukwa munani muri 2018

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bernardo Silva na Raheem Sterling (uri inyuma) ni bo batsinze ibitego ubwo Manchester City yatsindaga Arsenal 2-0 mu kibuga Emirates cya Arsenal ku itariki ya 12 y'ukwa munani muri 2018

Umutoza Pep Guardiola w'ikipe ya Manchester City yavuze ko ashaka ko ikipe ye iha gasopo Liverpool - mucyeba wayo bari guhatanira igikombe cya shampiyona ubu iri ku mwanya wa mbere by'agateganyo - itsinda Arsenal mu buryo bunogeye ijisho.

City yaza guhita yigira imbere ikarushwa amanota abiri na Liverpool niramuka isubiye mu bihe byayo byo gutsinda, muri uyu mukino ubera ku kibuga cyayo cya Etihad kuri iki cyumweru.

Muri iki cyumweru, Manchester City yaratunguwe itsindwa ibitego 2-1 na Newcastle.

Kandi nubwo Liverpool yananiwe gutsinda Leicester, iyi Liverpool yashoboye kongeraho inota rimwe ku yo irusha City ubwo yanganyaga na Leicester igitego 1-1.

Umutoza Guardiola yagize ati: "Ntabwo [icy'ingenzi cyane] ari amanota, [ahubwo] uko ukina".

"Abatoza baricaye bareba imikino yacu kuri televiziyo, kandi iyo babonye ukuntu dukina neza, nta cyaruta kubotsa igitutu nk'icyo".

City isurwa n'iyi Arsenal iri ku mwanya wa gatanu ku rutonde rw'agateganyo rwa shampiyona, ni intangiriro y'icyumweru gikomeye kuri City, yanyereye ikajya ku mwanya wa gatatu nyuma yaho Tottenham itsindiye Newcastle igitego 1-0 ku wa gatandatu.

Umutoza Pep Guardiola (iburyo) mu mukino ikipe ye yatunguwe igatsindwa na Newcastle y'umutoza Rafael Benítez (ibumoso) ibitego 2-1 muri iki cyumweru

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umutoza Pep Guardiola (iburyo) mu mukino ikipe ye yatunguwe igatsindwa na Newcastle y'umutoza Rafael Benítez (ibumoso) ibitego 2-1 muri iki cyumweru

Ku wa gatatu, Manchester City izongera gukina muri shampiyona, yerekeza ku kibuga cya Everton mbere yuko yakira Chelsea kuri ubu iri ku mwanya wa kane by'agateganyo, ku itariki ya 10 y'uku kwezi kwa kabiri.

Ku wa mbere, Liverpool yo izaba yerekeje ku kibuga cya West Ham, nyuma yakire Bournemouth ku kibuga cyayo cya Anfield ku wa gatandatu.

Guardiola yongeyeho ati: "Niba ushaka kuba ikipe ihatanira igikombe by'ukuri, ugomba kugira amanota menshi".

"Ni icyumweru cy'ingenzi kuri twe, ariko nyuma y'iki cyumweru, nituba tugihari [tukiri mu bahatanira igikombe], imikino izakurikiraho nayo izaba ari ingenzi".

"Ibyishimo ni ugukina neza uko ushoboye kandi ugatsinda imikino. Nyuma y'ibyo, ibikombe biza bikurikiraho nk'umusaruro".

"Ni gute twatsinda twabanjwe igitego? Ni iki tugomba gukora? Ikintu kimwe gishoboka gusa ni ukugira icyo tugambiriye".

"Iyo dutsinze, iteka dushaka gusesengura tukareba ibintu bibi twakoze n'ibyiza".

"Iyo dutsinzwe mu buryo dutsindwamo, tugomba gukora neza kurushaho muri ibyo bihe".

"Nitubishobora tuzabigeraho [tuzagera ku gikombe], nitutabishobora tuzasuhuzanya n'abegukanye igikombe tubashimira nuko tuzagerageza amahirwe mu mwaka utaha w'imikino".