City ifise abakinyi benshi ku rutonde rwa PFA rw'uno mwaka

Umugwi wa Manchester City ufise abakinyi batatu ku bakinyi batandatu bazotogwamwo umukinyi wa mbere mwiza w'uno mwaka, ku rutonde rw'ishirahamwe Professional Footballers Association Players (PFA) uno mwaka.
Abakinyi bo hagati David Silva na Kevin de Bruyne, hamwe n'uw'imbere ku ruhande Leroy Sane, nibo baserukira uwo mugwi wa mbere muri Premier League ku rutonde.
Umukinyi w'imbere wa Liverpool Mohamed Salah hamwe n'umusatirizi wa Tottenham, Harry Kane, batsinze ibitsindo 29 na 25 ukwo bakurikirana, nabo nyene baragenywe kuri urwo rutonde.
Uwugara urwo rutonde ni umunyezamu wa Manchester United, David de Gea.
Kane, afise imyaka 24, ari kandi ku rutonde rwa PFA rw'abakinyi bakiri bato rw'uyu mwaka.
Abo bari kumwe ku rutonde ni umukinyi w'imyaka 17 wa Fulham akina inyuma ku ruhande rw'ububamfu, Ryan Sessegnon, aheruka gukinira Ubwongereza mw'ihiganwa ry'abafise imyaka iri munsi ya 21 bahura na Ukraine mu kwezi guheze.
Abo bakinyi batandatu bakiri bato barimwo batatu ba City, umudagi w'imyaka 22, Sane, umwongereza Raheem Sterling n'umunya Brésil Ederson Moraes.
Umukinyi w'imbere wa Manchester United Marcus Rashford, w'imyaka 20, niwe yugara urwo rutonde.
Kugira ngo umuntu ashigwe kuri urwo rutonde, umukinyi ategerezwa kuba afise imyaka 23 canke munsi yayo, imbere yuko ihiganwa ry'umwaka ritangura.
Abazotsindira utwo dushimwe tw'abari mw'ishirahamwe rya PFA, bazotangazwa mu birori bizobera ahitwa Grosvenor House, itariki 22 Ukwezi kwa Kane.
Umukinyi wo hagati wa Chelsea N'Golo Kante niwe yegukanye agashimwe ko mu 2016-17, umukinyi wa Tottenham Dele Alli nawe aronka agashimwe k'umukinyi muto ico gihe.










