Abatsinze n'abatsinzwe mw'ihiganwa rya Commonwealth ririko rirabera i Gold Coast muri Australia

Bamwe mu bakinyi b'Urwanda ba Vollleyball yo ku musenyi
Insiguro y'isanamu, Umugwi w'Urwanda wa Volleyball yo ku musenyi ejo watsinze urukino rwawo rwa mbere batsinze Singapure.
Masoud Mtalaso wa Tanzania (i Bubamfu) na Halima Nambozo wa Uganda
Insiguro y'isanamu, Masoud Mtalaso wa Tanzania (i Bubamfu) na Halima Nambozo wa Uganda bose batsinzwe mu nkino zabo za mbere za tenis yo ku meza.
Bondia Shafi Bakari wa Kenya
Insiguro y'isanamu, Shafi Bakari wa Kenya yatsinzwe mu nkino zo gukubitana ingumu, ubu ico gihugu kikaba gihanze amaso Christine Ongare azotana mu mitwe n'umunonotsi wo mu gihugu ca Sri Lanka.
Umunonotsi mu gukubitana ingumu wa Uganda Juma Miiro
Insiguro y'isanamu, Umunonotsi mu gukubitana ingumu wa Uganda Juma Miiro yatsinze umunye Kenya Shafi Bakari, akaba yaciye aronka amahigwe yo kuja mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.
Mu gihe yotsinda urukino rwiwe rwa kabiri rwa tenis yo ku meza, uyu musi ku mugoroba, Fathiya Pazi aca aronka uburenganzira bwo kubandanya mu nkino zo gukuranamwo.
Insiguro y'isanamu, Mu gihe yotsinda urukino rwiwe rwa kabiri rwa tenis yo ku meza, uyu musi ku mugoroba, Fathiya Pazi aca aronka uburenganzira bwo kubandanya mu nkino zo gukuranamwo.
Fathiya Pazi mcheza tenisi ya meza Tanzania
Insiguro y'isanamu, Fathiya Pazi yatsinze umunonotsi wo muri Tuvalu iseti 4-0 bituba aba umunonotsi wa mbere wo muri Afrika y'uburasirazuba aronse intsinzi mu rukino rwa tenis yo ku meza.