Guardiola: Urutonde rw'inkino rurabangamiye abakinyi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza w'umugwi Manchester City mw'ihiganwa Premier League , Pep Guardiola, yavuze ko urutonde rw'inkino zegeranye muri ino minsi rubangamiye abakinyi.
City ifise amanota 12 imbere y'iyindi migwi, ifise urukino kuri uno wa kabiri aho ihura na Watford, urukino rugira kane mu minsi 11 muri kino gihe c'iminsi mikuru.
Bamwe mu bakinyi bakomeye ba Guardiola, Gabriel Jesus na Kevin de Bruyne, barakomeretse ku munsi wa Mungu bahura na Crystal Palace.
Uwo mumenyereza aturuka muri Espagne yagize ati: "Wombaza niba ku bijanye n'ubuhinga, canke n'amagara ko bibereye ku bakinyi: oya, ni impanuka."
City imaze kwikurikiranya incuro 18 itsinda, yahagaritswe ku munsi wa Mungu ibuze igitsindo na kimwe ku kibuga Selhurst, buba bubaye ubwa mbere bananiwe kwinjiza uno mwaka.
Mu gihe amaze gukorera mu bihugu vya Espagne n'Ubudagi aho bubahiriza akaruhuko k'igihe c'imbeho nyinshi, ku bijanye n'urutonde rw'inkino mu Bwongereza, Guardiola yavuze ati: "Niko vyamye. Nkwiye kumenyera.
"Hari igihe uba ufise iminsi itatu yo kugarura amagara, rimwe na rimwe ibiri, umwumwe wese aguma ari wa wundi.
"Niko bimeze. Bino bintu ndababwiye ico ndavyiyumvirako nuko mwomenya ko ata kintu nofasha guhindura? Ntibikunda."










