Tennis: Rafael Nadal yatsinze ihiganwa US Open ubwa gatatu

Rafael Nadal yatsinze inyuma y'amasaha abiri n'iminota 28

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Rafael Nadal yatsinze inyuma y'amasaha abiri n'iminota 28

Umukinyi rurangiranwa wa Tennis Rafael Nadal yatsinze ubugira gatatu ihiganwa US Open, aba atwaye igikombe ca Grand Slam ku ncuro ya 16 mu rukino yakuyemwo umunya Afrika Yepfo, Kevin Anderson mu gisagara ca New York.

Uwo mukinyi wa mbere kw'isi yatsinze 6-3 6-3 6-4 ku munsi wa Mungu, ahitwa Flushing Meadows.

Uwo munya Espagne w'imyaka 31, atsinze amahiganwa ya Slam abiri mu mwaka umwe ubwa mbere kuva mu 2013, akaba yongeye atsinda French Open mu kwezi kwa gatandatu.

"Sinshobora gutegera ivyashitse uno mwaka," niko Nadal yavuze.

"Inyuma y'imyaka ndi mu ngorane, ibikomere, bituma gukina rimwe na rimwe atari vyiza- kuva uno mwaka utanguye vyagumye bigenda neza."

Abamaze gutwara ibikombe vya Grand Slam mu bagabo:

Federer niwe amaze gutwara kenshi ibikombe mw'ihiganwa Grand Slam
Insiguro y'isanamu, Federer niwe amaze gutwara kenshi ibikombe mw'ihiganwa Grand Slam

Umunya Afrika Yepfo Anderson yarakeje Nadal avuga ko ari mu bakinyi akunda, agira ati: "Ndazi ko tunganya imyaka y'amavuko ariko umengo nagiye ndakwihweza ubuzima bwanje bwose.

Kevin Anderson yavuze ko bidahereye aho inyuma yaho atsindiwe

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Kevin Anderson yavuze ko bidahereye aho inyuma yaho atsindiwe

"Uri mu bakinyi bakomeye cane muri rino higanwa, ukaba uwa mbere mu baserukira runo rukino.

"Ivyanshikiye sivyo nari nipfuje ariko nzoguma ngwana kandi tuzosubira guhura."