Armel Akimana ariko aragerageza 'robot' ishobora kubagara, kuvomera no gupompa imirima

Robot

Uwo musore w'imyaka mirongo itatu twamusanze muri zone Ngagara muri komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.

Icumba kimwe abamwo ni na ho akorera ubushakashatsi bwo gukora 'robot' avuga ko izokora mu burimyi

Haba ku meza canke hasi huzuye utwuma n'udutsinga dutandukanye, vyerekana ko hari ibikorwa ahakorera.

Armel Akimana yize ivyo ubuhinga muri kaminuza avuga ko iyo robot izoba ifise ubushobozi bwo gukora ijoro n'umutaga.

Abandanya avuga ko umugambi wiwe ari uko izoza irikoresha yo nyene.

Armel Akimana agira ati: "Muri aka kanya narayikoreye 'Application' ituma ndayiterekomanda (ndayibwira ivyo ikora ndi kure) na terefone.

''Ariko umugambi wanje n'uko yo nyene yikoresha ikoresheje ubuhinga bwa 'Intelligence artificielle [ubwenge bw'ubukorano]'".

Imashini ikora ivyo umuntu yokoze

Uwo musore avuka muri komine Bisoro mu ntara ya Mwaro, hagati na hagati mu gihugu c'Uburundi, arasigura icari co robot.

Ati: ''Robot ni imashini ifise ubushobozi bwo gukora ivyo umuntu asanzwe yokora.''

''Ahanini ni ukugira ishobore kuba yokora mu kibanza c'umuntu kugira turabe ko tworwiza umwimbu canke twongereze umuvuduko w'ibikorwa''.

Mu burimyi, abarundi ahanini baracakoresha amaboko n'amasuka gusa. Imashini zikora mu mirima ziri mu bigo binini binini cane, nk'ihinguriro ry'isukari Sosumo.

Armel yahereye kugerageza robot yokora mu gupompa, kubagara canke kuvomera.

"Uno musi iriko irakora mu vyo gupompa canke kuvomera ku buryo ishobora gukora ijoro n'umurango mu mirima.

"Haba nko mu kubagara igashobora gutandukanya igiterwa n'ikitari igiterwa, hanyuma ikabagara''.

Uretse bateri bayikoranye, iyo robot kandi irafise icuma gikwega imishwarara y'izuba 'Panneau solaire' kigenda kirongerereza inguvu iyo bateri.

Armel Akimana avuka muri komine Bisoro mu ntara ya Mwaro, hagati mu gihugu c'Uburundi, avuga ko iyo Robot izokora ibikorwa abantu bokoze mu mirima kandi mu mwanya muto.
Insiguro y'isanamu, Armel Akimana avuka avuga ko iyo Robot izokora ibikorwa abantu bokoze mu mirima kandi mu mwanya muto.

Armel Akimana avuga ko mu gihugu aho abarimyi barenga ibice 80% vy'abakibamwo, iyo robot izoba ifitiye akamaro kanini abarimyi.

Agira ati: "Irobo nta mpembo izogusaba inyuma y'ukwezi, kandi ishobora gukora ijoro n'umurango itarushe.

"Uko iba iriko irakora, ni ko igenda ikwega imishwarara y'izuba, bigatuma ishobora kubika umucanwa.

"Uwo yagiye irabika ku murango, ikawukoresha mw'ijoro."

Armel avuga ko amaze imyaka indwi ariko aragira ubushakashatsi bwo kuyikora, ikaba imaze kumutwara amafaranga ari hagati y'imiriyoni zitanu na cumi z'amarundi.

Izoboneka ryari?

Ku bwa Armel Akimana, abanyagihugu b'abarundi barima ni benshi.

Agira ati: ''Hako rero umwe wese yorondera kugura iyo robot, iciyumviro n'uko nkora nyinshi zito zito zikaguma ari rwanje, abazikeneye bakaza gukotesha tukabakorera''.

Armel avuga ko iyo aba atari uburyo bugoye ata mwanya munini woheze adashoboye gusohora robot ya mbere.

Ati: "Nk'uko mubibona ivyuma dukoresha s'ikirenga. Turakeneye abantu baza gushiramwo imitahe, tukagira ihinguriro nyaryo.

"Turanakeneye no gusimba hanze kurahura ubwenge, kuraba aho abandi bateye n'uko bakora muri mwene ubwo buhinga."