Trump yanse kwitaba ikindi kiyago na Harris, ni mu gihe babandanya baterana amajambo n'ibitutsi

Ahavuye isanamu, BBC/Getty
Donald Trump yahoze arongoye Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko adashobora kwitaba ikiganiro mpari gica ku mboneshakure imbere y’amatora yo muri Munyonyo (11).
Mu gihe icegera c’umukuru w’igihugu Kamala Harris, ari na we azokwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu kw’izina ry’umugambwe w’aba-Democrats, yemeye ubutumire mu kiganiro c’imboneshakure CNN gitegekanijwe ku wa 23 Gitugutu (10), Trump azoserukira Abarepubulikani wewe yanse, akavuga ko “cacerewe cane” kubera amatora yamaze gutangura.
Abajejwe imyiyamamazo ya Harris bavuga ko, nimba koko uno yahoze arongoye Amerika yemeza ko yatsinze mu kiganiro mpari giheruka muri Philadelphia mu ntango z’uku kwezi, yategerezwa kwemera ubu butumire.
Benshi mu babajijwe inyuma y’ico kiyago mpari yerekana ko benshi mu bagikurikiranye bemeza ko Harris yarushije cane umukeba wiwe Trump.
Inyuma y’iki kiyago cabaye ku wa 10 Nyakanga (9), Trump yavuze ko ata kindi kiyago azosubira kwitaba.
Mw’ikoraniro yaremesheje ejo ku wa gatandatu ahitwa Wilmington mu ntara ya Caroline du Nord/North Carolina, yasubiye kwemeza ko yatsinze mu kiyago mpari giheruka, kandi ko ikindi kiyago nk’iki “cacerewe cane”.
"Amatora yaratanguye," niko yavuze, yagiriza Harris ko arondera akandi karyo ko guterana amajambo nawe “kubera ariko aratsindwa nabi cane”.
Mw’itangazo ry’ejo ku wa gatandatu, umukuru w’umurwi ujejwe imyiyamamazo ya Harris na Walz, Jen O'Malley Dillon, yavuze ko Abanyamerika "bakeneye akandi karyo" ko kubona ikiyago mpari hagati ya Harris na Trump imbere y’amatora ya Munyonyo.
Agira ati: "Ni ubwa mbere bizoba bibaye muri bino bihe vya none aho haba ikiyago mpari kimwe conyene c’amatora.
“Ibiyago mpari biha abatora akaryo kihariye ko kubona abahiganwa bari kumwe hanyuma bagasuzuma imigambi yabo bafitiye Amerika”.
Ku rubuga rwa X, rwahoze rwitwa Twitter, Harris avuga ko yakirije yompi ubutumire bw’iki kiyago kandi ko yizeye ko na Trump azocitaba.
Mw’ikoraniro rya Trump, bamwe mu batora babwiye BBC ko bizeye ko hazoba ikindi kiyago..
Steve Castellano, umunywanyi wa Trump, agira ati: "Nimba ata bwoba ufise, kubera iki utokwitaba? Bose baritwaye neza [mu kiyago mpari giheruka".
Mu kiyago giheruka, aba bakeba bompi barateranye amajambo, aho Trump yagirije Harris ko afise ivyiyumviro bibi bigamije gusambura Amerika.
Ku ruhande rwiwe, Harris yarasotoye Trump, asuzugura ubwinshi bw’abantu bitaba amakoraniro yiwe yongera asubiramwo ibivugwa n’Abarepubulika bamunegura.
Amajambo n'ibitutsi baterana birakurikiranirwa hagufi

Amajambo akoreshwa muri ino myiyamamazo arakurikiranwa cane inyuma y’aho Trump ahakiwe mu co urwego rujejwe igendereza ryo hagati mu gihugu, FBI, rufata ko ari ikindi gikorwa co gushaka kumugandagura.
We hamwe n’uwo biyamamariza hamwe, JD Vance, bavuga ko vyose vyavuye ku vyo bita amajambo yo guturira ashikirizwa n’abakeba babo b’aba-Democrats. Aba Barepubulika nabo nyene baranegurwa n’aba-Democrats ku majambo yabo.
Uku gutungana urutoke kwatumye amajambo bakoresha n’ibitutsi baterana bikurikiranirwa hagufi.
Buri ruhande rurakoresha cane kandi mu burakari imbuga hwaniro zikurikiranwa n’amamiriyoni y’Abanyamerika, kandi buri ruhande rugakoresha amajambo yo gutyoza urundi. Trump arakoresha urubuga hwaniro rwiwe Truth Social mu gushikiriza amajambo akomeye cane yo gusibanganya aba-Democrats.
Ng’ibi bimwe mu vyo bagiye bavuga mu biganiro, mu majambo bafata no mu makoraniro atandukanye, vyerekana ingene impande zompi zagiye zinyerera.
“Aba basazi muri reta yacu barondera gusambura igihugu cacu, dutegerezwa kubahagarika. Ni inkozi z’ikibi”. Aya ni amajambo Donald Trump yavuze ku wa 9 Ntwarante mw’ikoraniro ry’ahitwa Rome mu ntara ya Georgia
Mw’ijambo ryiwe rifatwa ko ryari irya mbere ry’imyiyamamazo, Trump yashikirije ijambo ryamaze amasaha abiri muri Georgia, aho yifatiye mu gahanga Perezida Joe Biden, harimwo n’ukungene avuga adidinganya, amwagiriza ko ari sindabibazwa ku kibazo c’abimukira binjirira ku rubibe rwo mu bumanuko, avuga ko bagiye kwonona ibisagara vya Amerika.
“Donald Trump ni akaga gakomeye kuri iki gihugu. Ni akaga ku bwigenge bwacu. Ni akaga kuri demokarasi yacu. Mu vy’ukuri ni akaga ku bintu vyose Amerika iharanira”. Aya ni amajambo yashikirijwe na Joe Biden ku wa 28 Ruheshi (6) ku banywanyi biwe ahitwa Raleigh muri Caroline du Nord.
Igihe Biden yatangura ikiringo ciwe, yiyemeje kugarukana ubumwe no kugerageza uko ashoboye kwose akirinda kwizizira uwo yasubiriye.
Ariko igihe vyagenda bigaragara ko Trump ari we yari guserukira Abarepubulika mu matora ya 2024 – kandi bigaragara cane ko ashobora kuyatsinda – Biden yaciye ahindura ururimi. Yagiye ashikiriza amajambo yerekana ko ari akaga ari nka hamwe Trump yosubira ku butegetsi.
Imisi mike inyuma y’aho Donald Trump arasiwe ari mu myiyamamazo, umukuru w’igihugu yavuze ko hari “ikosa” ku majambo yakoresha, ariko akaba yamiriye kure ibivugwa n’Abarepubulika ko yakokeza indyane.
“Iyo uhanganye n'aba bantu, ni abantu babi cane. Iyo uhanganye nabo, ntushobora kugira ikinya. Eka ntibishoboka. Nimba rero ata ngorane bibatwaye, jewe nta kinya nzobagirira”. Aya ni amajambo ya Donald Trump, mw’ikoraniro yaremesheje ku wa 25 Mukakaro (7) i Charlotte, mu ntara ya Caroline du Nord.
Trump yamaze imisi itandatu yose avuga aya majambo mashasha inyuma y’ijambo yashikirije ikoraniro kaminuza, aho yabandanije yifatira mu gahanga Harris mw’ikoraniro ryo muri Caroline du Nord.
Yamwise “umusazi mubi azosambura igihugu cacu” kandi ko ari “akaga kuri demokarasi”.
Mu kwagiriza aba-Democrats ko bariko bakoresha ubutungane nk’ikirwanisho co kumurwanya, yavuze ko buri caha cose bamwagiriza cari ikimenyetso c’iteka kuri we.
“Mu buryo bwinshi, Donald Trump ni umuntu ataco yitayeho. Ariko ingaruka zo gusubiza Donald Trump muri Maison Blanche zirakomeye cane”. Aya ni amajambo Kamala Harris yashikirije ku wa 22 Myandagaro (8) mw’ikoraniro kaminuza ry’aba-Democrats i Chicago.
Muri iri jambo yashikirije ikoraniro kaminuza ahejeje kwemezwa ko ari we azoserukira umugambwe w’aba-Democrats mu matora, Harris yavuze izina rya Trump incuro 17, amunegura ukungene yitwaye mu gitero co ku wa 6 Nzero (1) 2021 ku ngoro y’amakoraniro y’inama nshingamateka na nkenguzamateka (Capitol), poritike yiwe ku bijanye n’uburenganzira bwo gukoroza inda no ku makori, poritike yiwe mpuzamakungu n’ivyaha yagirizwa.
Yasavye Amerika kwibuka "akajagari n’amakuba" avuga ko vyaranze imyaka ya Trump ku butegetsi.
“Kumbure nararashwe mu mutwe kubera ibintu bamvugako. Bavuga ivyerekeye demokarasi, ko ngeramiye demokarasi. Ahubwo nibo bageramiye demokarasi”. Aya ni amajambo Donald Trump yavuze ku wa 10 Nyakanga (9) mu kiyago mpari muri Philadelphia.
Igihe bahangana mu kiganiro mpari ca mbere kandi gishobora kuba ari co conyene muri Philadelphia, Harris na Trump bateranye amajambo n’ibitutsi. Nk’uko akunze kubigira, Trump yagerageje guhindura ururimi rwakoreshwa na Biden ko ari “akaga kuri demokarasi” aruhindukiriza kuri Harris. Yamwise “umunyaporitike ahengamiye ku ruhande rw’i bubamfu [left]” n’umuntu agendera ku vyiyumviro vy’ama-Marxist ariko arasambura Amerika. Yavuze ko Harris azokwibukwa “nk’icegera c’umukuru w’igihugu mubi cane muri kahise k’igihugu cacu”.
“Abategetsi bo kw’isi yose baratwenga Donald Trump. Navuganye n’abategetsi ba gisirikare, bamwe muri bo bakoranye na wewe, aho bavuga ko uri iceyi”. Ni amajambo ya Kamala Harris mu kiyago mpari co ku wa 10 Nyakanga muri Philadelphia.
Muri ico kiyago mpari, Harris yamaze umwanya munini asotora Trump mu nyishu z’uburakari yamuha.
Yasuzuguye ubwinshi bw’abantu bitaba amakoraniro yiwe yongera asubiramwo ibivugwa n’Abarepubulika bamunegura, anamushinyaguriza ku ngano y’umurage wiwe.
Ni nde ari imbere, Trump canke Harris mu biharuro ngererayo?
Vyitezwe ko abanyagihugu ba Amerika bitabira amatora ku wa 5 Munyonyo kugira ngo batore uwuzobarongora hagati y’aba bakeba babiri bahiganwa.
Vyari vyitezwe ko Trump asubira guhangana na Biden nk’uko vyagenze mu 2020, ariko ibintu vyarahindutse muri Mukakaro (7) igihe Perezida Joe Biden ahagarika imyiyamamazo yiwe agashigikira icegera ciwe Kamala Harris.
Ikibazo kihari ubu ni – ubwo Amerika izoha akaryo Harris ngo ayibere umukuru w’igihugu wa mbere w’umugore canke izoha Donald Trump ikiringo kigira kabiri?
Mu mezi yakurikiye ingingo ya Biden yo kuva mw’ihiganwa, ibiharuro ngereranyo vyerekana ko Harris yari inyuma ya Trump. Ariko ibiharuro vyagiye vyegerana cane kuva Harris atanguye imyiyamamazo aho yagiye asumvya gato Trump kandi bikaba vyagumye uku.

Ahavuye isanamu, 538/ABC News
Mu kiganiro mpari cabaye ku wa 10 Nyakanga kigakurikiranwa ku mboneshakure n’abantu barenga imiriyoni 67, aba bakandida babiri baboneka ko babangabanganwa. Inyuma y’ico kiyago, bamwe mu babajijwe berekanye ko Harris yitwaye neza gusumvya Trump.
Hagati aho, mu gihe amatora agenda yegereza, biragoye kumenya uwufise amahirwe menshi yo gutsinda.










