Ibintu indwi bitari ukuri bivugwa ku bijanye n'uguca imvyaro

Umugore ariko aratwenga

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umunsi mpuzamakungu w'uguca [imvyaro] uhimbazwa buri tariki 18 Gitugutu (10), mu ntumbero yo gutuma abantu bamenya kandi bagwanya ugufata ukutari ko ico kiringo miriyoni z'abagore bacamwo.

Kw'isi yose, igitigiri c'abagore bamaze guca kiguma ciyongera kuko abagore basigaye baramba cane.

Mu 2021, abagore bafise kuva ku myaka 50 n'iyirenga bangana na 26% y'abagore n'abakobwa bo kw'isi yose. Ni mu gihe mu myaka 10 y'imbere y'aho bari 22%, hisunzwe ivyigwa vya ONU.

N'ubwo uguca ari ikiringo gisanzwe mu buzima bw'umugore, kenshi gitahurwa nabi.

Hari vyinshi bifatwa nk'amayobera ku guca n'ubu bibandanya kuvugwa hirya no hino kw'isi. Ibi ni ibintu indwi bitari vyo hamwe n'ukuri kuri vyo:

Uguca biba co kimwe ku bagore bose

Ingene inkabuzo (imisenburo) zihinduka ku mugore bivana n'ingene yakuze, aho yakuriye, ingene yakuze abayeho mu buzima bwa minsi yose, hamwe n'ikibano yakuriyemwo. Igihe izo mpinduka zibera n'ingene zimera bishobora kugira ubudasa bivanye n'umuntu umwe umwe n'ingene abayeho.

Uguca biba umugore ashikanye imyaka 50

Mu gihe muri rusangi umugore aca ku myaka 51, uguca bishobora gutangura aho ari ho hose hagati y'imyaka 40 na 60 - bigahindagurika bivanye n'akarere k'isi canke ubwoko.

Kuduza ibiro umaze guca bitegerezwa kuba

Uko umubiri ukoresha ibiwutunga kuragabanuka uko umuntu akura hadafatiwe ku ngaruka zo guca. Abaganga batanga inama yo kwama hakorwa imyimenyerezo ngoraramubiri no kurya ibigereranye kandi bitandukanye kugira ugenzure ibiryo bibereye amagara meza.

Gushuhirwa bukwi na bukwi nico kimenyetso kiboneka kenshi canke conyene gusa

Gushuhirwa bukwi na bukwi birakunda gushika ariko ntibishikira abagore bose. Bikunda gushika mu myaka ibiri ya mbere y'uguca kandi akenshi ntibisubire, inyuma y'imyaka itandatu kuri 60% b'abagore baciye.

Uguca vyica akariro k'imibonano mpuzabitsina

Kwumagana mu gice c'imibonano mpuzabitsina [c'umugore], kugabanura kwifuza kugira imibonano mpuzabitsina hamwe no kwumva ata na kimwe kikujaho bishobora kugira ingaruka ku kariro k'imibonano mpuzabitsina.

Ariko ubifashijwe n'umujenama w'amagara kandi ugashigikirwa n'uwo murangurana amabanga, abagore bashobora gukomeza ubuzima bwiza bw'imibonano mpuzabitsina.

Uguca bitera kwumva atakikujaho, ubwoba n'uguhindagurika uko wari umeze vuba vuba

Guca ntibitera kwumva ata kikujaho ariko gusinzira nabi hamwe no gushurirwa bukwi na bukwi bishikira abagore benshi baciye bishobora gutuma haba guhindagurika vuba na vuba uko wari umeze no gukarirwa n'inyendamuvano.

Gukoresha inkabuzo bifise ingaruka nyinshi ku magara

N'ubwo gukoresha inkabuzo bishobora kwongereza amahirwe mabi yo kurwara kanseri y'ibere bishobora no kugabanya amahirwe mabi y'indwara zijanye n'ingene umutima utera [amaraso]. Ivyigwa vyerekana ko akunguko karuta amahirwe mabi ku bagore bafise amagara meza batarashikana imyaka 60 bashuhirwa bukwi na bukwi bibayabaye.

Umugabo n'umugore bariko baratwenga bahoberana

Ahavuye isanamu, Getty Images

Uguca [imvyaro] ni iki?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uguca bishika iyo habaye impinduka mu nkabuzo ziranga igitsina uko abagore baja mu butinyanka bagenda barasaza. Udusaho tw'amagi (ovaries/ovaires) turahagarika gusohora amagi buri kwezi hanyuma urugero rw'inkabuzo yitwa oestrogene rukagabanuka. Uguca bikunze gushika hagati y'imyaka 45 na 55 - ariko kuri bamwe bamwe gushonora gushika imbere y'aho.

Ku bisanzwe kugaragazwa n'amezi 12 akurikirana ata umugore atagiye mu butinyanka - bidatewe n'iyindi ngorane y'umubiri. Ni ikimenyetso c'uko umugore yarangije ikiringo c'imyaka yo gushobora gusama no kurondoka.

Ariko guca ntibishika bukwi na bukwi. Biba gahoro gahoro hagacamwo ikiringo mfatakibanza muri rusangi gishobora gufata imyaka indwi, ariko ku bagore bamwe bamwe gishobora kumara imyaka 14.

Uguca kuba mu ntambwe nkuru zitatu:

Iya mbere n'igihe c'integuza y'uguca, gishikira abagore benshi nko kuva ku myaka mike imbere y'uko bashikana imyaka 40 n'imyaka ya mbere bamaze gushikana imyaka 40. Muri ico kiringo, abagore bakomeza kuja mu butinyanka buri kwezi, ariko urugero rw'inkabuzo za oestrogene na progesterone rushobora gutangura guhinduka.

Ubwa kabiri, mu micungararo y'uguca (peri-menopuse), ikiringo cerekana ko harangiye ugushobora gusama mu buzima bw'umugore kijana n'igabanuka rinini ry'urugero rwa oestrogene. Muri ico kiringo, ubutinyanka ntibuba buri kwezi, hari igihe abagore batabujamwo, bukaza vuba canke butevye kuruta uko bisanzwe. Abagore bashobora kandi gushuhirwa bukwi na bukwi, bakumva ubwoba canke bakabura itiro.

Intambwe ya nyuma, inyuma y'uguca, ikiringo c'igihe umugore aba amaze amezi 12 akurikirana atagiye mu butinyanka. Kuri iyo ntambwe, ibimenyetso vyabaye mu kiringo co mu micungararo y'uguca bica bigenda birahera buke buke.

A woman making breakfast

Ahavuye isanamu, Getty Images

Hari ibimenyetso bishika 48 vy'uguca, ku bw'ishami rya ONU riraba amagara y'abantu OMS, bikaba birimwo:

  • Gushuhirwa bukwi na bukwi no kubira icuya/iyashu mw'ijoro
  • Impinduka mu gihe co kuja mu butinyanka n'urugero rwo gutakaza amaraso gushika aho umugore ataba akija mu butinyanka
  • Kwumagana mu gice c'imibonano mpuzabitsina, ububabare mu gihe c'imibonano no kutagenzura ko hageze gusoba (gusanga amasobe yagutanze hasi)
  • Gutora itiro bigoranye canke kutaritora
  • Guhindagurika vuba vuba uko wari umeze, kwumva ata kikujaho canke kwumva ubwoba
  • Kwumva ko mu ntantu hatagifise inguvu, bigatuma hongerekana amahirwe mabi y'uko bimwe mu bice bihari bishobora kuva mu kiibanza
  • Gutakaza inguvu z'amagufa bigatera gushobora kuvunika kenshi

Abagore baravuga kandi kudashobora kumara umwanya bashize umutima n'ubwenge ku kintu kimwe no kwibagirwa, bikunze kwitwa igifungu co mu bwonko, hamwe no kubabara mu ngingo no kugira umubiri wumaganye.

Ni nkenerwa kumenya ko atari abagore bose bagira ibimenyetso - ariko benshi barabigira, ku rugero rwa 75%.