Bombe y’ubumara: Kubera iki Korea y’Epfo ishaka iyi bombe?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Jean Mackenzie
- Igikorwa, Umunyamakuru i Seoul
Binyegeje mu cumba co mu kuzimu c’inzu y’uburiro ku mugwa mukuru Seoul, akarwi k’abanya-Korea y’Epfo bari ukwa bonyene bakoraniye hamwe kugira bafungure. Muri bo harimwo abanyaporitike, abahinga hamwe n’abari mu gisirikare, bamwe muri bo bikaba bigoye kumenya umwidondoro.
Iyi ni inama y’umurwi mushasha wo kwiga uburyo bwo guhingura ibombe ruhonyanganda y’ubumara uherutse gushingwa, ikibakoranije kibaba ari ikintu gikomeye – gutegura ingene Korea y’Epfo yohingura ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara.
Iki ciyumviro kitahoze kinavugwa caje kuvyuka mu mezi aheze. N’umukuru w’igihugu ca Korea y’Epfo Yoon Suk-yeol yarakivuze mu gihe yari mu nama yerekeye kwivuna abansi, akaba ari we mukuru w’igihugu wa mbere ashikirije iki kibazo muri bino bihe vya vuba.
Ubu uko bukeye uko bwije niko ibinyamakuru bivuga iki ciyumviro, mu gihe bitatu vya bine vy’abanyagihugu bagishigikiye.
Abanya-Korea y’Epfo barafise amakenga ku mubanyi wabo wo mu buraruko atunze ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara, mbere ku wa gatatu Perezida Yoon akaba ategura urugendo muri Maison Blanche/ White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika), kurondera ko Perezida Joe Biden yomufasha.
Korea y’Epfo yarigeze kugira iciyumiro co guhingura ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara mu myaka ya 1970, igihe yatanguza umugambi mu kinyegero.
Ariko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimaze kuwuhinyura, zaciye ziyihitishamwo: Seoul yahitishijwemwo kubandanya, canke kwemera gukingirwa na Amerika ikoresheje uburyo bwose ifise bw’ibirwanisho ruhonyanganda.
Korea y’Epfo yahisemwo gukingirwa na Amerika, ari naco gituma gushika kuri ino saha ibihumbi mirongo vy’abasirikare ba Amerika bakiri muri Korea.
Kuva ico gihe, ibintu vyarahindutse cane ku rwego mpuzamakungu. Korea ya Ruguru iriko irahingura ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara mbere vy’ubuhinga bwo hejuru cane bishobora gushikira ibisagara vyo muri Amerika, ibi bigatuma abantu bibaza nimba koko Washington yoba igifise ubushobozi bwo gutabara Korea y’Epfo.
Ng’ibi ivyo biyumvira bishobora gushika: umunyamahane Kim Jong-un yotera Korea y’Epfo, ivyotuma Amerika ija gutabara. Ico gihe, Kim yoca agabisha ko agiye kurekurira ikibombe ruhonyanganda c’ubumara ku butaka bwa Amerika ari nka hamwe itovana akarenge mu ntambara.
Washington yoca ikora iki? Yohava yemera ko San Francisco icika umunyota irondera gukingira Seoul? Abari muri iyo nama yo mu kinyegero babonye ko Amerika ishobora kutavyemera.
Choi Ji-young, umwe mu bari muri iyo nama akaba n'umwe mu banywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi muri Korea y’Epfo, People Power Party, avuga ati: "Ntibibereye kwiyumvira ko ikindi gihugu ari co coza kudukingira. Iki ni ikibazo cacu kandi ni twebwe kiraba”.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w’uyu murwi, umwigisha wa kaminuza Cheong Seong-chang, yarashikirije integuro zabo.
Ari nka hamwe Korea ya Ruguru yosubira kugerageza ikindi kirwanisho ruhonyanganda c’ubumara, Seoul yoca iva mu masezerano yo kurwanya irwirirana ry’ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara, ikizwi nka Traité sur la non-prolifération des armes nucléaires/Treaty on the Non-Proliferation of Nuclear Weapons (NPT).
Mu gihe, mu kiringo c’amezi atandatu Kim atoba aremera kuja mu biganiro vyo kurondera ingene aheba bimwe mu birwanisho vyiwe, Seoul yoca itangura guhingura rwayo.
Cheong avuga ko ibi bishobora kugabanya ivyago vy’intambara ya nikleyeri ku kirwa ca Korea, kuko Kim ashobora kudakora igitero azi ko Korea y’Epfo yoca yivuna.
Ariko Jenny Town wo mw’ishirahamwe ry’abahinga, 38 North, rifise icicaro muri Amerika, ntabona ko Korea y’Epfo, n’aho yoba ifise ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara, ishobora gutuma Korea ya Ruguru itekereza.
Uyu mupfasoni avuga ati: "Ubwinshi bw’ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara ntibizotuma isi itabona amahano y’ibitero vya nikleyeri. Ufashe akarorero k’Ubuhindi na Pakistani siko vyagenze. Mu bisanzwe, ugutunga ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara kwahaye ibi bihugu vyompi ubushobozi bwo gushika kure”.
Washington ntiyipfuza ko Korea y’Epfo itunga ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara. Hagati aho, iki gihugu ni nk’uko ari igihingurano ca Amerika.
Mu 2016, uwari umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika ico gihe Donald Trump yaragirije Korea y’Epfo ko irya imitsi igihugu ciwe. Yaciye agabisha ko yari gukora uko ashoboye ku buryo Seoul ihemba ingabo za Amerika zari ku butaka bwayo, atari uko naho akazitahukana. Ubwoba bwatewe n’aya majambo ico gihe bwagumye mu banyagihugu. Abanya-Korea y’Epfo babona ko hageze guhingura iyi bombe.
Koo Sung-wook w’imyaka 31 yahoze mu gisirikare avuga ati: "Amerika ntizokoresha ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara vyayo mu kudukingira, rero ni ngombwa ko ikibazo c’ukwivuna abansi tucifatira mu minwe”.
Yari mu gisirikare mu 2010 igihe haba icuka kibi gikomeye, maze Korea ya Ruguru ikarekurira ibibombe kuri Korea y’Epfo, cahitanye abantu bane.
Ati: "Numva ari ikintu cihutirwa cane”. Ubu ubwoba ntiburi kuri Korea ya Ruguru gusa, buri no ku Bushinwa.
Ati: “Tuzungurutswe n’ibi bihugu rutura kandi dutegerezwa kwitonda. Kugira ngo dushobore guhangana na vyo, ni ngombwa ko tuba dufise ibirwanisho vy’ubumara”.
Hong In-su afise imyaka 82 akaba yari umwana muto mu gihe c’intambara ya Korea mu myaka ya 1950.
Avuga ko yahoze arwanya umugambi wo gutunga ibi birwanisho ruhonyanganda vy’ubumara, imbere y’uko avamwo akabona ko kari akabi gakenewe: "Ibindi bihugu biriko birahingura ivyavyo, rero simbona iyo twoba turiko turaja tutabifise. Isi iriko irahinduka”.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwundi mugore aribaza nimba koko America ishobora gutabara Korea y’Epfo, akabona ko ari “vyiza gutunga ibirwanisho vy’ubumara bibaye ngombwa”, mu gihe uwundi mugore akiri muto nawe afise ubwoba ko umwanya n’umwanya imigenderanire ya kino gihe hagati ya Seoul na Washington ishobora guhinduka.
Washington iriko irakora ivyo ishoboye vyose kugira ngo yizeze incuti yiwe ku cemezo cayo “ntabanduka” co kuyitabara. Mu ntango z’uku kwezi, yararungitse ubwato bw’intambara bwikorera indege mu bumanuko bw’ikivuko ca Busan. Ariko abafata ingingo za poritike ya Amerika, babona ko ingingo nk’izi zo kwizeza zisa n’izitagikora.
Abanyaporitike ba Seoul bafise amakenga ko bakigumijwe mu mwiza, batabona neza icotuma umukuru w’igihugu ca Amerika atanga itegeko ryo kurekura ibombe ruhonyanganda y’ubumara kw’izina ryabo.
Yang Uk, umuhinga mu bijanye no kwivuna abansi mu kigo Asan Institute gifise icicaro i Seoul, yari kumwe na Perezida Yoon igihe ashikiriza ijambo avuga ivy’uko Korea y’Epfo yohingura ibirwanisho vy’ubumara. Avuga ko Perezida Yoon yariko aratera igitsure Amerika mu buryo buziguye.
Ati: "Amerika ntishaka kuvugana na Korea y’Epfo ivy’umugambi wayo wa nikleyeri mu gihe ari nka hamwe hokwaduka intambara ya nikleyeri kuri kino kigwa ari twebwe twobabara gusumba”.
Seoul iriko irakora ibishoboka kugira ngo igire uruhara mu nteguro no mw’ikoreshwa ry’ibirwanisho vy’ubumara. Ibi bishobora gusigura ko haba ikirindiro c’ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara muri Korea y’Epfo, canke naho hakaba amasezerano yo guhanahana ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara asa n’ay’i Bulaya, aho Korea y’Epfo yoronka ubushobozi bwo gukoresha ibirwanisho vya Amerika mu gihe hoba intambara.
Ivyo gutunga ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara ni ingingo ikomeye cane. Poritike mpuzamakungu ihari ubu ishingiye ku kugabanya ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara, kandi ibihugu bitayikurikiza, nka Irani na Korea ya Ruguru, birakorerwako.
Abahinga babona ko kumbure abanyagihugu ba Korea y’Epfo batariyumvira ku ngaruka. Amerika ishobora guheba ivyo yiyemeje vyo gutabara Korea y’Epfo, Ubushinwa bushobora kwihora bikomeye mu gufatira ibihano ruhasha Korea y’Epfo, maze ikisanga isigaye ari nyamwigendako.
Hagati aho, abenshi mu bihweza ibintu n’ibindi babona ko Amerika idashobora kurangiza ubu bucuti bwa gisirikare bumaze imyaka mirongo. Ahubwo, bafise amakenga ko ari nka hamwe korea y’Epfo yotunga ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara bishobora gutuma poritike yo kubigabanya ija mu bibazo, kuko yotuma n’ibindi bihugu bikurikira.
Umutamakazi w’imyaka 82 Hong In-su asa n’uwubona ingorane ziri imbere.
Avuga ati: "Ndibaza ko ibirwanisho ruhonyanganda bizogaruka bikatugirira nabi. Numva mfise impuhwe ku runganwe ruri imbere”.










