Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imvo n'Imvano ku ba 'Influencers' mu Rwanda
Ikaze mu kiganiro c'Imvo nIimvano kuri BBC Gahuzamiryango co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 9 ukwezi kwa Rusama/Gicurasi (5) 2026.
Aba 'Influencers' mu Rwanda bifashe gute?
Mu ndwi iheze, twaravye uko uwo mwuga mushasha wifashe mu Burundi. Kuri uyu wa gatandatu, turi mu Rwanda.
Muri iki gihugu na ho nyene, uyu mwuga utunze abantu benshi. Ariko na ho nyene nta mategeko ahari abagenga. Hari n'abamaze guhanwa bazira ivyo bacisha ku mbuga hwaniro zitandukanye.
Ibibazo kuri uwo mwuga haba mu Burundi canke mu Rwanda ntibitandukanye cane. Ikiguma kigaruka gusumba ibindi n'aho aba Influncers batandukaniye n'abamenyeshamakuru, n'uko baheza bagakora uwo mwuga.
Hari ababidogera ko bahutaza ubuzima bwabo mu kubushira mu kaga hatitaweho itegeko na rimwe, ahubwo bashize imbere inyungu zabo bwite gusa.
Abarenga 20 baramaze guhagarikwa bazira amajambo bashikirije. None mu vy'ukuri aba Influencers ni abamenyeshamakuru? Inyuma yo kwumva uko ico kibazo cifashe mu Burundi, muri kino kiganiro turabaza ibibazo nk'ivyo nyene mu Rwanda.
Aba 'Influenceurs' muri ico gihugu ni abakiki koko? Akazi kabo nyako ni akahe? Batandukaniye n'abamenyeshamakuru? Turanaraba ingaruka nziza na mbi z'akazi bakora.
Muri kino kiganiro rero twatumiye umwe mu bakora uwo mwuga ku mbuga hwaniro Uwimana Clotilde – ku mbuga hwaniro yiyita Shakira.
Turi kumwe kandi n'umunyamategeko Jean Paul Ibambe, akaba ari n'umuhinga mu vyerekeye ubwisanzure bwo gushikiriza ivyiyumviro.
Uwundi turi kumwe ni Joseph Hakuzwumuremyi, arongoye ikinyamakuru Umuryango akaba amaze imyaka myinshi mu mwuga wo kumenyesha amakuru.
Ikiganiro kiremeshejwe na Cyriaque Muhawenayo.