Video: BBC Gahuzamiryango irakwije imyaka 30, menya amateka y'iyi radio

Insiguro ya video, BBC Gahuzamiryango yatanguye ivuga iminota itanu gusa

BBC Gahuzamiryango yatanguye ivuga iminota itanu gusa, igakorwamwo n'abamenyeshamakuru b'abakorerabushake bo mu gisata c'igiswahili.

Izina Gahuzamiryango ryatowe na Ally Yusufu Mugenzi.

Karenga Ramadhan, Ally Yusufu Mugenzi na Faith Nindeba ni bo batanguye gukora muri ico gisata, mu nyuma hiyongereyeko Laurent Ndayuhurume.

Gahuzamiryango yatanguye ifise igikorwa co guhuza abari batandukanijwe n'intambara mu Burundi no mu Rwanda.

Mu nyuma, ico gisata caragutse - hongerezwa umwanya radio ivuga hamwe n'abakozi.

Ubu buri indwi yumvirizwa n'abantu barenga umuriyoni.

Abamenyeshamakuru batanguje BBC Gahuzamiryango: Ally Yusufu Mugenzi (i Bubamfu), Faith Nindeba (hagati) na Karenga Ramadhan (i Buryo)

Ahavuye isanamu, KARENGA RAMADHAN

Insiguro y'isanamu, Abamenyeshamakuru batanguje BBC Gahuzamiryango: Ally Yusufu Mugenzi (i Bubamfu), Faith Nindeba (hagati) na Karenga Ramadhan (i Buryo)