Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Andile Dlamini, umunyegoli wa mbere muri Afrika ariko yahatswe guheba umupira
Andile Dlamini ni umukinyi w'ikipe nserukiragihugu y'umupira w'amaguru w'abagore ya Afrika y'epfo, izwi kw'izina rya Banyana Banyana.
Niwe munyegoli akomeye kurusha abandi bose ku mugabane wa Afrika.
Ariko haraciye imyaka ibiri ahatswe guhagarika umupira w'amaguru kubera indwara ya Covid-19.
Mu gihe ikipe ya Afrika y'epfo yitegurira gukina mu gikombe c'isi c'abagore gitangura vuba muri Australia na New Zealand, yabwiye BBC uko avyiteze, ivyamushikiye hamwe n'uko abayeho muri rusange.