Umunonotsi w'umunya-Uganda ari mu bitaro inyuma yo gusukwako ipeterori agaturirwa muri Kenya

Rebecca Cheptegei

Ahavuye isanamu, Uganda Athletics Federation/X

Insiguro y'isanamu, Rebecca Cheptegei yatsinze ihiganwa ry'isi rya Mountain and Trail Running muri Thailande mu 2022
    • Umwanditsi, Wycliffe Muia
    • Igikorwa, BBC News, Nairobi

Umunonotsi w’umunya-Uganda Rebecca Cheptegei araremvye cane mu bitaro muri Kenya, inyuma y’ibivugwa ko yasutsweko peterori hanyuma agaturirwa n’umugabo bahora bakundana.

Uwo mugore w’imyaka 33 yiruka marathon (42km), yahiganywe mu nkino za Olepmpike ziheruka, yarahiye ahangana na 75% h’umubiri wose , nk’uko igiporisi cavuze.

Yatewe ari i muhira iwe muri Kenya y’uburengero, aho yari asanzwe yimenyerereza.

Hari amakenga kw’igwirirana ry’amabi akorerwa abanonotsi b’abagore muri Kenya, amwe mbere yavuyemwo impfu.

Cheptegei bivugwa ko yatabawe n’ababanyi inyuma y’aho ivyo bibereye ku wa mungu i muhira iwe mu gisagara gitoya ca Endebess.

Uwukekwa ko yamuteye nawe nyene yarahiye cane, nk’uko umukuru w’igiporisi muri ako karere Jeremiah ole Kosiom yabwiye abamenyeshamakuru.

Bompi bariko baravurirwa mu bitaro vya Moi Referral Hospital i Elodoret, ibitaro vya mbere bikuru muri iyo ntara.

''Abo bantu babiri abantu barabumvise bariko barashwana hanze y’inzu yabo. Muri uko gushwana, abantu barabonye umugabo ariko arasuka ibintu biteye bwa mazi kuri uwo mugore imbere y’uko amuturira,’’ niko Kosiom yasubiwemwo avuga.

Cheptegei, ava mu ntara iri hakurya y’urubibe muri Uganda, bivugwa ko yaguze ikibanza muri Tans Nzoia hanyuma arubaka inzu, kugira abe hafi y’ibibanza vyo kwimenyererezamwo vyo muri Kenya.

Icegeranyo c’uwujejwe intwaro mu karere kivuga ko abo bantu babiri bahora bashwana bapfa ico kibanza. Igiporisi kivuga ko amatohoza ariko araba.

Cheptegei yahejeje ari uwa 44 muri marathon mu nkino za Olempike zihurutse kubera i Paris mu Bufaransa.

Yaranatsindiye kandi umudari w’inzahabu mw’ihiganwa ry’isi rya Mountain and Trail Running ryabereye i Chiang Mai muri Thailande mu 2022.

Mu kwezi kwa kane mu 2022, uwundi munonotsi w’umugore, Damaris Mutua, yatowe yanizwe i muhira yubitsweko umusego mu maso mu gisagara ca Iten co mu ntara ya Rift Valley.

Vyashitse haheze amezi uwundi munonotsi yari yaraciye umuhigo mu kwiruka intera ndende, Agnes Tirop, nawe yaheruka gutorwa yazibuwe imbugita muri ico gisagara nyene.

Ariko n’abagabo baratewe.

Mu kwezi kwa Kigarama mu mwaka uheze, uwundi munonotsi w’umunya-Uganda, Benjamin Kiplagat, yarazibuwe imbugita n’abantu bamuteye arapfa muri Eldoret.