Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Yves Kami, umuririmvyi w'umurundi ashaka kwigarurira uburengero bwa Afrika
Yves Kami, umuririmvyi w'umurundi ashaka kwigarurira uburengero bwa Afrika
Yves Kami ni umuririmvyi w'umurundi afise umwihariko wa bake wo gukora indirimbo zivugijwe n'ivyuma, mu buryo buzwi nka live, ariko kandi akibanda ku muco. Aranafise indoto zo gushikana indirimbo ziwe hakurya y'imbibe.
Muri iyo ntumbero, aheruka gukora indirimbo yise Nyemerera iri mu rurimi rwa pigjin-English, ururimu ruvanga icongereza n'indimi zivugwa mu burengero bwa Afrika.
Yavuganye na Robert Patrick Misigaro, atangura amubaza aho ico ciyumviro cavuye (umva ico kiganiro).