François: Umupapa aturuka muri Amerika y'Epfo yahinduye Ekleziya Katolika

Papa François ariko aramwenyura yambaye impuzu zera ariko araramukanya n'ukuboko kw'i buryo

Ahavuye isanamu, EPA

Ubupapa bwa François bwaranzwe na vyinshi vyari bibaye irya mbere kandi n'ubwo adahengeshanije kuzana impinduka muri Ekleziya Katolika yagumye akundwa mu baguma ku mico ya kera.

Yabaye umupapa wa mbere wo muri Amerika no mu gice c'amajepfo c'isi. Kuva Gregoire II yamuka muri Syria apfuye mu 741 ntihari bwasubire kuba umusenyeri wa Rome atari umunya-Bulaya.

Yanabaye kandi umupapa wa mbere w'umu-Jesuit atorewe kwicara kuri iyo ntebe ya Petero Mweranda – aba-Jesuit bamye ari abantu binubwa na Roma.

Uwo François yasubiriye, Benoit XVI, yabaye umupapa wa mbere yatanze imihoho ku gushaka kwiwe mu myaka hafi 600 ku buryo mu kiringo c'imyaka hafi 10 i Vaticano hari abapapa babiri.

Uwo yari asanzwe ari Cardinali Bergoglio wa Argentina, yaja ari mu myaka ya 70 igihe yaba Papa mu 2013.

Abakatolika benshi bari bishizemwo ko hari hagiye kuza umupapa akiri muto kurusha.

Bergoglio yari yiyerekanye nk'umumutu bose bohurizako: ahuza n'abahagaze ku mico ya kera ku bijanye n'ibibazo vy'igitsina kandi agakwega abashaka impinduka kubera aho yari ahagaze ku butungane mu mibereho.

Vyari vyitezwe ko kuba yari afise kahise ko kutibohera ku ngendo za kera kwari guha itoto Vaticano kugaha inguvu ubutumwa bwiwe.

Ariko kubera uko Vaticano isanzwe itunganijwe mu ntwaro, zimwe mu mpinduka Papa François yashaka kuzana zarahuye n'inzitizi, kandi uwo yasubiriye, Papa Benoit, yapfuye mu 2022, yari yagumye akundwa mu bagendera ku mico ya kera.

Papa François

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ishaka ryo kuba uwutandukanye n'abandi

Kuva agitorwa, François yari yavuze ko azokora ibintu mu buryo butandukanye [n'uko vyari bisanzwe]. Yakira aba karinari biwe yiyoroheje kandi ahagaze – aho kwicara mu ntebe ya papa.

Ku wa 13 Ntwarante mu 2013, Papa François yaragaragaye kw'ibaraza iraba ku kibanza ca Patero Mweranda.

Yambaye ikanzu isanzwe yera, yafashe izina rishasha riha icubahiro François Mweranda w'i Assise, umumenyeshamana wo mu kinjana ca 13 yakunda n'ibikoko.

Yari afise ishaka ryo gushira imbere kwicisha bugufi aho kwishira hejuru. Yaranse kugendera mu mudoka nziza ya papa ahubwo ashimika arondera kugendera muri bisi yatahana abandi ba karidinari.

Papa mushasha yaciye umurongo bw'ubutumwa bwo gukora ibibereye ku bayoboke miriyari n'imiriyoni amajana abiri. ''Ese ingene nifuza ko hoba Ekleziya nkene, kandi y'abakene,'' niko yavuze.

Papa François na Papa Benedigito XVI

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Papa François aramukanya n'uwo yasubiriye Papa Benedigito XVI mu 2014

Jorge Mario Bergoglio yavukiye i Buenos Aires muri Argentine, ku wa 17 Kigarama um 1936 – niwe yari mukuru mu bana batanu. Abavyeyi biwe bari bahunze igihugu c'amavukiro c'Ubutaliyano bahunga amabi y'intwaro n'agahotoro.

Yarakunda intambo ya tango kandi yari ashigikiye umurwi w'umupira w'amaguru w'aho yaba, San Lorenzo.

Yararokotse inyuma yo kurwara umusonga ukomeye cane, arabagwa kugira bamukuremwo igice c'ihaha. Vyatumye yama akarirwa n'indwara z'ibisebuzi ubuzima bwiwe bwose.

Amaze gushika ku zabukuru yaranarwaye ivi ry'i buryo.

Arindiriye kuraganira, Jorge Mario Bergoglio yari umunyeshure i Buenos Aires mu myaka ya 1940

Ahavuye isanamu, Bergoglio Family. In Elvis. Family handout. No fee.

Insiguro y'isanamu, Arindiriye kuraganira, Jorge Mario Bergoglio yari umunyeshure i Buenos Aires mu myaka ya 1940

Bergoglio akiri muto yarakoze mu nzu y'ubutambiro nk'uwujejwe gucunga umuryango no gukubura, imbere y'uko aheza amashure ya kaminuza mu gisata ca chimie.

Mw'ihinguriro riri hafi y'iwabo, yakoranye hafi na Esther Ballestrino, yagwanya intwaro z'umukazo za gisirikare. Uwo mugore yaraborejwe igufa, ikiziga ciwe nticigeze gitorwa.

Yahavuye aba umu-Jesuit, yiga firozofi (philosophie) hanyuma arigisha amayagwa n'ibijanye n'inyifato (psychologie). Inyuma y'imyaka cumi yaratiwe mu busaseredoti, aca aduzwa mu mabanga adatevye, aho yegenywe kuba mukuru w'aba-Jesuit muri Argentine mu 1973.

Papa François afise ikiranga umugwi w'umupira w'amaguru ashigikiye

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Papa François umufana w'igihe kirekire wa San Lorenzo, umugwi w'umupira w'amaguru w'i Buenos Aires

Kumwagiriza

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Bamwe babona ko atakoze ibihagije kugira agwanye intwaro y'agacinyizo ya gisirikare muri Argentine.

Yaragirijwe kugira uruhara mw'inyuruzwa n'igisirikare ry'abapatiri babiri mu gihe ciswe 'Intambara y'umucafu', Sale Guerre/Dirty War, ya Argentine, igihe hari abantu ibihumbi bishwe canke bakaborezwa igufa, canke bakaburwa irengero, kuva mu 1976 gushika mu 1983.

Abo bapatiri baraborejwe igufa ariko amaherezo batorwa ari bazima – barahawe cane ibiyovyabwenge kandi igice kinini bari gusa.

Bergoglio yaragirijwe kunanirwa kumenyesha abategetsi ko ibikorwa vy'abo mu turere tw'abakene vyari bishigikiwe na Ekleziya. Ivyo hamwe vyoba ari vyo, vyoba bivuze ko yaciye ibarekera mu minwe y'abicanyi. Ico cagiriji yaragihakanye, avuga ko yakoze atiriwe arabishira ku mugaragaro kugira ngo barekurwe.

Abajijwe igituma atigeze avuga ku mugaragaro, bivugwa ko yavuze ko vyari bigoye cane. Mu vy'ukuri, ku myaka 36, yisanze mu kajagari kari kuba kashize mu mageragezwa n'indongozi yari kuba yarabunyonye kurusha abandi. Nta nkeka ko yafashije benshi mu bagerageje guhunga igihugu.

Hari kandi n'ivyo atahurizako na bagenziwe b'aba-Jesuit bibaza ko Bergoglio atari anezwe iyigishamana ryo kwibohora – inyigisho za gikristu na Marx zarondera kurandura akarenganyo. We, ahubwo yashira imbere gushigikira mu buryo bworoshe.

Vyarashitse aho amazi ahakwa kurenga inkombe. Aho atanguriye kurondera gutorwa mu mabanga ya Papa mu 2005 bamwe mu ba Jesuit bariruhukije.

Papa Jean Paul II n'uwatinze na we aba Papa François

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Papa Jean Paul II agena Jorge Mario Bergoglio nka musenyeri mukuru wa Buenos Aires mu 1998

Umuntu akunda ibintu bibayabaye

Yari yagenywe kuba icegera ca Musenyeri wa Buenos Aires mu 1992 hanyuma aza kuba musenyeri mukuru.

Papa Jean Paull II yamugize cardinal mu 2001 hanyuma araja mu bibanza bitandukanye muri reta ya Ekleziya, yitwa Curia.

Yamenyekanye cane nk'umuntu akunda ibintu bibayabaye, akirinda ibintu vyinshi bigenewe abategetsi abategetsi bo hejuru mw'idini. Yakunda gukora ingendo yicaye mu bibanza bisanzwe, akanakunda kwambara ikanzu yirabura y'abapadiri - hakwambara iyitukura ijanye n'amabanga yiwe mashasha.

Mu nyigisho ziwe, yahamagarira kwitaho bose akanebagura n'amareta yananiwe gufasha abakene nyakuja mu mibano.

Yagize ati:"Tuba mu gice c'isi kirangwa n'ubusumbasumbane, igice ciyongereyemwo ubutunzi cane, ariko kitashoboye kugabanya ubukene."

Nka Papa, yaragize utwigoro dukomeye mu kugabanya icuka kibi cari kimaze imyaka ikimpumbi hagati ya Ekleziya Katolika na Ekleziya y'aba Orthodoxe yo mu buseruko.

Mu kubishima, ku ncuro ya mbere kuva habaye ugutandukana gukomeye mu 1054, umukuru w'ishengero ry'i Constantinople yaritavye ibirori vyo kwimika umusenyeri mushasha i Roma.

Pape François, Shimon Peres na Mahmoud Abbas

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Pope François yarahuje prezida wa Israel Shimon Peres (i Bubamfu) na mugenzi we wa Palestine Mahmoud Abbas, mu gisabisho c'amahoro mu 2014

François yarakoranye n'aba Anglicane, Lutharan n'aba Methodiste aranagondoza prezida wa Palestine na Israel kwifatanya nawe mu masengesho yo gusaba amahoro.

Inyuma y'ibitero vy'abagwanyi b'aba Islam, yavuze ko atari vyiza kwitiranya Islam n'abicanyi.

Yagize ati:"Nimba mvuze ubwicanyi bw'aba Islam, ntegerezwa no kuvuga ubwicanyi bw'abakatolika."

Muri politike, abona kumwe na reta ya Argentine ikibazo ca Falklands, aho yabwiye ishengero ati:"Tuje gusengera abishwe, abahungu b'igihugu bashaka kugwanira ba nyina babo, ubutaka bwabo, bagwanira igihugu cabo."

Hanyuma, nk'umuntu avuga iki Espagnol wo muri Amerika y'Epfo, yarakoze igikorwa gihambaye cane nk'umuhuza igihe reta ya Amerika yariko iratera intambwe mu gusubira kwunga imigenderanire na Cuba. Biragoye kwibaza umupapa w'i Buraya ariko arakora ico gikorwa kitoroshe.

Papa François n'uwahoze ari prezida wa Cuba Fidel Castro.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Papa François ahura n'uwahoze ari prezida wa Cuba Fidel Castro mu rugendo yarimwo i Havane mu 2015

Agendera ku mico ya kera

Mu nyigisho nyinshi zo mw'isengero, Papa François yagendera ku mico ya kera.

Yari umuntu "atagira aho yegamiye nka Papa Jean Paul II... ku kibazo co gufasha umuntu gupfa, igihano c'urupfu, gukorora imbanyi, uburenganzi bw'ubuzima, uburenganzira bwa kiremwa muntu hamwe no kutarongora kw'abapatiri", nk'uko bivugwa na musenyeri Osvaldo Musto, iganye na we mw'iseminari.

Yavuga ko ishengero ritegerezwa kwakira abantu ritaravye uko bahuza ibitsina, ariko avuga ashimitse ko kwemerera abahuza ibitsina babisangiye kurera abana ari guhutaza agateka k'abana.

Yaravuze amajambo ashigikira amashirahamwe y'ababana bahuza ibitsina n'abo babisangiye, ariko François ntiyashigikiye ko vyokwitwa kwubakana. Abandanya avuga ko ibi "kwoba ari ukugerageza gusambura umugambi w'Imana".

Inyuma gato y'aho abereye Papa mu 2013, yaragiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza gukorora imbanyi i Roma - asaba uburenganzira bw'abana bataravuka "kuva igihe co gusamwa".

Yahamagariye abaganga b'abagore kwishimikiza umutima nama aca arungikira ubutumwa Irland - mu gihe yari mu matora yo kwemeza canke guhakana uburenganzira bwo gukorora imbanyi - yinginga abantu gukingira abafise intege nke.

Yaranse ko abagore bahabwa ubupadiri, avuga ko Papa Jean Paul II yigeze kuvuga ko ivyo bidashoboka.

Hanyuma, n'aho yasa ubwa mbere n'uwemera uburyo bwo kwirinda imbanyi mu kwikingira ingwara, yarashimagije inyigisho za Paul VI kuri ico kibazo - aho agabisha ko bishobora gutuma abagore baba ibikoresho vyo gushimisha abagabo gusa.

Mu 2015, Papa François yabwiye abantu muri Philippines ko uburyo bwo kwirinda imbanyi harimwo "ugusambura imiryango mu kubabuza kuronka abana".Si kutagira abana gusa abona ko bisambura, ni iyo ngingo yafashwe n'ibigirankana yo kutavyara.

Papa François

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Papa François, yambaye ikoti y'umuhondo imurinda imvura , aramutsa isinzi ry'abantu i Manila igihe yari mu rugendo muri Philippines

Kugwanya amabi akorerwa abana

Ibintu vyamugoye cane ku burongozi bwiwe ariko, biva ku mpande zibiri: Hari ibiva ku bantu bamwagiriza kuba yarananiwe kugwanya amabi akorerwa abana n'ibiva ku bagendera ku mico ya kera bumva ko ariko arasenyura ukwemera. Vy'umwihariko, bafise kumuzirikanyi ingendo ziwe yafashe zo kurekura abakatolika bahukanye ngo basubire gusangira.

Abagendera ku mico ya kera kandi bafashe ikibazo co guhutaza agateka k'abana nk'ikigwanisho mu gihe co kwiyamamaza c'igihe kirekire.

Mu kwezi kwa Myandagaro 2018, musenyeri mukuru Carlo Maria Viganò, yahoze ari intumwa ya Vatican muri Amerika, yarakoze inyandiko y'impapuro 11 yo gutanguza intambara. Yasohoye ikete ridondagurara urutonde rw'imburi zashikirijwe Vatikani ku bijanye n'inyifato y'uwahoze ari umukaridinali yitwa Thomas McCarrick.

Vyavugwa ko McCarrick yahohoteye agateka k'abantu igihe kirekire, baba abakuze canke abana. Papa rero, nk'uko bivugwa na Viganò, yamugize "umuhanuzi mwizigirwa" n'aho yari azi ko ari umunyonyezi. Inyishu yari itomoye, nk'uko abivuga: Papa yategerezwa gutanga imihoho.

Uwo musenyeri mukuru agira ati:"Amashirahamwe y'abahuza ibitsina n'abo babisangiye bakorera mw'ibanga nta ngere kandi bafise ububeshi bukomeye... bakaba bariko baraniga ishengero ryose."

Urugamba rwakurikiye rwahatswe guhitana Ekleziya. McCarrick amaherezo yarakuwe mu butegetsi muri Ruhuhuma 2019, inyuma y'itohoza ryakozwe na Vatikani.

Papa François abonana na prezida Volodymyr Zelensky mu 2023

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Papa François abonana na prezida Volodymyr Zelensky mu 2023

Mu gihe ca Covid, Papa François yarahagaritse kuza araboneka misi yose mu kibanza ca st Peter - mu kwanka ko ico kiza kigwirirana. Mu karorero gakomeye k'ubutegetsi, yaranashikirije ko kwiteza urucanco ari ngombwa kw'isi yose.

Mu 2022, yabaye umu Papa wa mbere mu kiringo kirenga ikinjana ashinguye uwo yasubiriye - inyuma y'aho Papa Benedigito apfiriye afise imyaka 95.

Ubu, yari afise ingorane z'amagara - aho yagiye mu bitaro incuro nyinshi. Ariko Papa François yari ashishikajwe no kubandanya kugwanira amahoro kw'isi hamwe n'ibiganiro hagati y'amadini.

Mu 2023, yaragize urugendo rwo gusenga muri Sudani y'epfo, asaba abarongozi b'ico gihugu guhagarika intambara.

Yasavye ko "intambara y'ubujuju kandi y'ububisha" yo muri Ukraine ihagarara, n'aho nyene yashavuje abanye Ukraine mu kubahamagarira kumira bwunguri ubutumwa bwa propagande bw'Uburusiya bw'uko ari batumye haba ibitero.

Kandi haciye umwaka, yaratanguye urugendo mu bihugu bine n'imigabane ibiri; aho yagiye arahagarara muri Indoneziya, Papouasie-Nouvelle-Guinée na Singapore.

Papa François

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Papa François yifotoje afise inuma mu rugendo yarimwo muri Mexique

Jorge Mario Bergoglio yashitse ku ntebe ya Petero Mweranda afise ishaka ryo kuyihindura.

Hari hamwe bashobora kuba barifuje ko hari kuboneka indongozi ishira imbere ibihinduka gusumba, kandi abaraba ibintu n'ibindi bashobora kuzovuga icabonetse nk'intege nke ziwe mu guhangana n'ikibazo yahasanze c'amabi ashingiye ku gitsina yakozwe na bamwe mu bihebeye imama.

Ariko ari ibihinduka, yarabikoze.

Yaragenye abakardinari barenga 140 bo mu bihugu atari ivya Buraya, ubo akaba asigiye umusubirizi wiwe Ekleziya ihuza isi yose kurusha iyo yari yahasanze.

Kandi, mu kwerekana akarorero, yari umupapa ashima ibintu ibibayabaye aho yahisemwo kutaba mu kirimba ca Vaticano – kirimwo n'agasengero ka Sistine – ahubwo ashima kuja mu nyubakwa vyeregeranye (Papa Yohani Paul II yari yubakishije ngo ibe iyo kwakira abashitsi).

Yumva ko ikindi icari co cose kwoba ari ukwishima. ''Raba inyoni yitwa paon (peacock), niko yavuze, ''ni nziza iyo uyiravye ubw'imbere. Ariko uyiravye ubw'inyuma, uca ubona ukuri,''

Yari yizeye kandi ko yari guhindura vyinshi muri urwo rwego ubwarwo, mu kwinjira mu butumwa bwa Ekleziya, agashikimikira ku bakene no gusubiza Ekleziya mu bantu.

''Dukeneye kwirinda uburwayi bw'umushaha bwa Ekleziya ibohewe mw'isi yayo bwite'' niko yavuze haheze iminsi yatowe.

''Hamwe notegerezwa guhitamwo Ekleziya yakomeretse ishikira abanyagihugu na Ekleziya irwaye, yikumira, nohitamwo iya mbere.''