Umunya-Kenya yarekuwe inyuma y'imyaka irenga cumi ari ku rutonde rwo kunyongwa muri Arabia Saudite

Stephen Munyakho

Ahavuye isanamu, Dorothy Kweyu

Insiguro y'isanamu, Stephen Munyakho yari mu myaka 20 igihe yacirwa urwo gupfa
    • Umwanditsi, Basillioh Rukanga
    • Igikorwa, BBC News
    • Yakoze inkuru ari, Nairobi

Umugabo w'umunya-Kenya yari amaze imyaka irenga cumi ku rutonde rwo kunyongwa muri Arabia Saudite yarekuwe inyuma y'isekeza ry'igihe kirekire ryo kubuza ko yicwa, nk'uko bivugwa n'umutegetsi bwo mu bushikiranganji bwa Kenya bujejwe imigenderanire.

Stephen Abdukareem Munyakho yarekuwe ''ku ngingo y'ubutungane'', nk'uko Korir Sing'oei yanditse kuri X, ariko ata do n'ido atanze.

Nyina w'uwarekuwe, umunyamakuru wa kera Dorothy Kweyu, yabwiye ikinyamakuru c'aho aherereye ko ''yavundagaye hasi'' igihe yumva inkuru ko yarekuwe.

Munyakho yakora muri Arabia Saudite igihe yacirirwa urwo gupfa kubera ukwica uwo bakorana aturuka muri Yemen mu 2011. Ico caha gihanishwa kwicwa, ariko inyuma y'ibiganiro vyamaze igihe kirekire, umuryango w'uwishwe wahavuye wemera amafaranga y'amaraso.

Arabia Saudite ikurikiza itegeko rya Islam, naryo rivuga ko igihano co kwicwa gishobora kworoshwa iyo umuryango w'uwishwe wemeye amafaranga y'amaraso, azwi nka dihya, nk'indishi.

Ibinyamakuru vyo muri Kenya vyavuze ko uwo muryango wahawe umuriyoni w'ama dorari ($1.000.000; hafi 3.000.000.000 mu mafaranga y'Uburundi ku rugero rwo muri banki) mu mezi aheze, amafaranga yarishwe na reta hamwe n'ishirahamwe ry'abagiraneza, Ligue Islamique Mondiale.

Inyongwa rya Munyakho ryasibijwe incuro nyinshi, ku ruhara rw'abategetsi ba Kenya.

Madame Kweyu ntako atari yaragize ngo arabe ko umuhungu wiwe atokwicwa.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

''Aka gahimbare nzokamarana igihe,'' nk'uko asubirwamwo n'ikinyamakuru Star inyuma y'aho umuhungu wiwe arekuriwe.

''Ubu, ni ukuri. Ambasaderi [muri Arabia Saudite] yavyemeje,'' niko yabandanije avuga.

Munyakho yagiye gukora muri Arabia Saudite agishikana imyaka 20, hanyuma hakaba haheze imyaka 14 yari umukuru w'inzu y'ububiko ku kibanza c'abakerarugendo ku Kiyaga Gitukura.

Avugana na BBC mu mwaka uheze, nyina wiwe Kweyu yavuze ko umuhungu wiwe yatase n'uwo bakorana aturuka muri Yemen.

Uko abivuga, uwo yakorana n'umuhungu wiwe yacumise Munyakho icuma bakoresha mu kwugurura amakete, bituma nawe yihora umwaka ca cuma nyene nawe arakimucumita. Haca handurukamwo urupfu rw'uwo bakorana.

Yabanje gucirirwa urubanza rwo gupfungwa imyaka itanu ku caha co kwica umuntu atabishaka mu 2011, ariko urubanza rwungurujwe yaciye yagirwa n'icaha co kwica mu 2014 - ico naco kikaba gihabwa igihano c'urupfu.

Sing'oei, umunyamabanga mukuru mu bushikiranganji bwa Kenya bujejwe imigenderanire, yavuze ko Munyakho yaciye agira urugendo rweranda i Maka (Mecca) amaze kurekurwa.

Ntiharamenyekana ryari azotaha imuhira.