US: umugabo yari amaze imyaka 38 apfunzwe yarekuwe inyuma y’ivyemezo vya ADN/DNA

Ahavuye isanamu, LA District Attorney's Office
Umugabo wo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yari amaze hafi imyaka 40 ari mw’ibohero yagiriwe n’icaha c’ubwicanyi yarekuwe inyuma y’ibipimo vya ADN/DNA vyerekana ko iki caha cakozwe n’uwundi muntu.
Maurice Hastings yari amaze imyaka irenga 38 ari mw’ibohero ku bwicanyi bwo mu 1983 bwakorewe Roberta Wydermyer mu ntara ya California, hamwe n’ibindi vyaha bibiri vyo kugerageza kwica.
Ariko ivyemezo bishasha vy’ibipimo vya ADN vyerekana ahubwo ko ubu bwicanyi bwakozwe n’uwundi mugabo yapfiriye mw’ibohero mu 2020.
Umushikirizamanza w’akarere ka Los Angeles, George Gascón, avuga ko intahe yakubiswe ari “akarenganyo katagira izina”.
Mw’itangazo, avuga ati: "Inzego z’ubutungane ntizitunganye, kandi iyo tubonye ivyemezo bishasha bidutuma dutakaza icizere mu rubanza, ni ngombwa ko twihuta gufata ingingo”.
Roberta Wydermyer yatowe yapfiriye mu kibanza gishirwamwo imizigo c’inyuma mu modoka yiwe afise igikomere c’urusasu rumwe mu mutwe mu 1983. Imbere y’aha yari yabanje gufatwa ku nguvu.
Hastings yaje kwagirizwa icaha c’ubwicanyi, abashikirizamanza bakaba barondeye kumucira igihano co kunyongwa.
Inyuma y’aho vyankiye ko umurwi wa mbere w’abacamanza wumvikana ku rubanza bomucira, uwundi wa kabiri waramukubise intahe mu gahanga hanyuma mu 1988 umucira gupfungwa ubuzima bwiwe bwose kandi ko atazigera atezurirwa.
Igihe hakorwa ivyigwa vyo kwa muganga kugira barabe icari camwishe, bamusanzemwo intanga (amasohoro mu Kinyarwanda) mu kanwa.
Hastings yabandanije asigura ko yera kuva agifatwa, ariko mu 2000 umushikirizamanza w’akarere yaranse ko hakorwa ibipimo vya ADN kuri izo ntanga.
Ariko amaherezo, mu 2021 yarashoboye kwereka umurwi ujejwe gukurikirana imanza ziba zaciye mu biro vy’umushikirizamanza ko ata caha yakoze, hanyuma ibipimo vya ADN vyakozwe mu kwa gatandatu bikaba vyerekanye ko izo ntanga zitari rwiwe.
Iyo ADN ahubwo basanze ari iy’umugabo yagiriwe n’icaha co kunyuruza umuntu akoresheje ikirwanisho, aca ashira umugore yari ahejeje kwica mu kibanza gishirwamwo imizigo c’inyuma mu modoka (boot/ coffre).
Inyuma y’aho sentare isasiye ku wa 20 Gitugutu (10) igafuta urubanza, Hastings yabwiye abanyamakuru ko ata burakari afise, ko ico yipfuza ari ukunezerwa mu buzima asigaje.
Ikinyamakuru Associated Press gisubiramwo Hastings avuga ati: "Narasenze imyaka myinshi nsaba ko uyu musi woshika. Ntawe ndiko ndatunga intoke; si ndi umuntu yarakaye, ariko nipfuza kunezererewa ubuzima ko ubu ndabufise”.










