Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imvo n'Imvano ku banonotsi bo mu myaka iheze m'Uburundi, menya kandi wumve abo twaganiriye...
- Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Bujumbura
Iki ni ikiganiro Imvo n’Imvano ca mbere ku urukurikirane rw’ibiganiro ku banonotsi bo mu myaka iheze mu gihugu c’Uburundi, twagiye i Bujumbura ahari igitigiri kinini c’abo banonotsi babiciye biracika mu myaka ya 80 na 90.
Mubo twashoboye kuronka, harimwo Dieudonne Kwizera batazira Muvuduka akaba ari na we arongoye ishirahamwe ry’abanonotsi bo um Burundi, Federation d’athletisme du Burundi, tukaba twavuganiye ku murongo wa telefone ari muri Canada, Charles Nkazamyampi, Aloys Nizigama, Cassien Ntahimpera, Bucumi Francoise na Francine Niyonsaba.
Muri iki gice ca mbere c’iki kiganiro, baratubwira abo ari bo, ingene batanguye gukunda kwinonora imitsi, amahiganwa atandukanye bagiye baritabira eka n’imidari bagiye bararonka.