Uwurongoye urubuga rwa Telegram Pavel Durov yahagarikiwe ku kibuga c'indege mu Bufaransa

 Pavel Durov

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Pavel Durov yatanguje mu 2013
    • Umwanditsi, Thomas Mackintosh
    • Igikorwa, BBC News

Umukuru w'urubuga Telegram, Pavel Durov yahagaritswe n'igipolisi c'Ubufaransa ku kibuga c'indege kiri mu buraruko bw'igisagara ca Paris.

Durov yapfunzwe inyuma y'aho indege yiwe yururukiye ku kibuga ca Bourget, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo mu Bufaransa.

Inkuru ziva mu bategetsi, zivuga ko uwo mugwizatunga w'imyaka 39 yahagaritswe ku vyaha bijanye n'urwo rubuga rukunzwe cane.

Bivugwa ko amatohoza ajanye no kutagenzura neza ivyandikwa kuri urwo rubuga, aho Durov yagirizwa kunanirwa kubuza inkozi z'ikibi gukoresha Telegram.

Durov yavukiye mu Burusiya ariko aba i Dubai. Afise ubwenegihugu bubiri - ubwa Reta zunze Ubumwe z'Abarabu n'Ubufaransa.

Telegram irakunzwe cane cane mu Burusiya, muri Ukraine no mu bihugu vyahoze bigize Reta zunze Ubumwe z'Abasoviete.

Urwo rubuga rwarahagaritswe mu Burusiya mu 2018, inyuma y'aho Durov yankiye kubaha amazina y'abarukoresha. Ariko iyo ngingo yaravanyweho mu 2021.

Telegram ni rumwe mu mbuga hwaniro zikoreshwa cane inyuma ya Facebook, YouTube, WhatsApp, Instagram, TikTok na Wechat.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Durov yatanguje Telegram mu 2013 aca ava mu Burusia mu 2014 inyuma yo kwanka ivyo yasabwa na reta vyo kwugara imbuga zikoreshwa n'abatavuga rumwe na yo kuri VKontakte yari yabanje gushinga, ubu yamaze kugurisha.

Ku musi wa Mungu, ibiro nserukiragihugu vy'Uburusiya mu Bufaransa vyavuze ko biriko birarondera kubona Durov.

Kuri Facebook vyagize biti:"Dufatiye ku nkuru zitangwa n'ibinyamakuru zivuga ipfungwa rya Durov, abategetsi b'Ubufaransa barasabwe vyihuta gushira ahabona icatumye apfungwa no kwubahiriza agateka kiwe hamwe no gufasha kugira ubuserukizi bushobore kumubona.

"Gushika ubu, abategetsi b'Ubufaransa ntibariko barakora ibi bintu.

"Turiko turavugana n'umushingwamanza wa Durov."

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire bw'Uburusiya Maria Zakharova yanditse kuri Telegram abaza nimba amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu y'i Buraya ashobora kwinumira kw'ihagarikwa rya Durov, inyuma yo kunebagura ingingo y'Uburusiya bavuga ko "ibangamira" ibikorwa vya Telegram mu Burusiya mu 2018.

Abategetsi benshi b'Uburusiya banebaguye ihagarikwa ry'uwo mugwizatunga, bavuga ko vyerekanye ko Uburaya bufise uruhande bwegamira iyo hageze ibibazo bijanye n'ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro na Demokrasi.

Umukuru w'urubuga X, Elon Musk, yanebaguwe cane kw'igenzura ry'ibintu bishirwa kuri urwo rubuga, yagumye yandika ku vyerekeye iryo hagarikwa. Ku nyandiko imwe yakoresheje 'Hashtag' #freepavel, hanyuma ahandi yandika:"POV: turi 2023 i buraya aho uzonyongwa uzira ko wakunze (like) ikimenyetso co kwigana [meme/mème]."

Telegram iremerera abantu ko bagira umugwi [groupe] gushika ku bantu 200.000, aho abayinebagura bavuga ko bica vyoroha gukwiragiza inkuru zitari zo, abayikoresha na bo bagahanahana inkuru zijanye no gufadikanya mu gutegura ikibi, Neo - Nazi, ugushurashuza abana n'iterabwoba.

Mu Bwongereza urwo rubuga rwarakurikiranywe cane kuko rwakoreshwa n'aba 'Extreme droite" baguma bakokeza mu gutegura imidugararo mu bisagara vyo muri ico gihugu muri uku kwezi.

Telegram yarafuse imigwi imwe imwe, ariko uburyo igenzura aba "Extremiste" n'inkuru zitari zo ntibuteye imbere ugereranije n'izindi mbuga nk'uko bivugwa n'abahinga muvyo kugwanya ivyaha bikorerwa ku mbuga hwaniro.