Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mpox: Biroroshe kwirinda ‘akaranda’ mu kibano c’ubucocekerane?
Mu gihe ingwara y’akaranda igenda iriyongera mu Burundi, muri RDC, igihugu kibanyi ho imaze kwica n’imiburiburi 500.
Umubano, ubukene, uruja n’uruza mu kibano no k’umupaka birateye amakenga abajejwe ubuvuzi.
Nka Anita avuga ko ubushobozi bw’umuryango wiwe, badashobora gupanga aharenze icumba kimwe.
Mercy Juma na bagenzi biwe ba BBC bashitse no k’umupaka wa Gatumba, ahaca abashika 1 200 k’umunsi, abantu bafatwa ibipimo vy’ubushuhe.
Mu gihe RDC yiteze incanco, mu Burundi ntakirabivugwako.