Syria: Bashar al-Assad ari i Moscou aho yahawe ubuhungiro, ibinyamakuru vya reta

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, David Gritten
- Igikorwa, BBC News
Bashar al-Assad "yatanze imihoho " nk'umukuru w'igihugu aca "ava muri Syria", incuti yiwe y'Uburusiya niko ivuga, inyuma y'amasaha inyeshamba zifashe umugwa mukuru Damas.
Ibinyamakuru vyo mu Burusiya bisubiramwo amasoko yo mu biro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya (Kremlin) avuga ko Assad n'umuryango wiwe bashitse i Moscou ku mugwa mukuru w'Uburusiya.
Amakuru avuga ko Assas n'umuryango wiwe bahawe ubuhungiro n'Uburusiya.
Imbere y'aha, ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe imigenderanire nta nsiguro bwari bwatanze ku bijanye n'aho Assad yoba ari, ariko ni ryo tangazo rya mbere ryashizwe ahabona n'ubutegetsi ryemeza ko yahunze igihugu.
Assad ntiyari bwigere aja habona inyuma y'aho abonaniye n'umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire i Damas, haraciye indwi. Kuri uwo musi, yiyemeje "gutuza" inyeshamba zariko zigarurira ubutaka ku muvuduko utangaje.
Mu gatondo ko kuri uno wa Mungu, inyuma y'aho abarwanyi binjiriye mu gisagara batarwanye, umuhari wa kisilamu Hayat Tahrir al-Sham (HTS) n'imirwi ikorana nayo yatangaje ko "umuyobe Bashar al-Assad yahunze".
Umukuru w'ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Syrian Observatory for Human Rights (SOHR), rifise icicaro mu Bwongereza rivuga ko indege ifatwa ko ari yo yahunganye Assad "yavuye muri Syria iciye ku kibuga mpuzamakungu c'indege ca Damas imbere y'uko igisirikare n'inzego zijejwe umutekano zihava".
Rami Abdul Rahman avuga ko yari afise amakuru yavuga ko iyo ndege yategerezwa kuguruka isaha zine z'ijoro, nijoro ku wa gatandatu.
Urubuga ngurukanabumenyi Flightradar24 nta makuru rwerekana avuga indege yoba yagurutse ayo masaha, ariko indege Cham Wings Airlines Airbus A320 yunguruza abantu yahagurutse isaha zitandatu n'iminota 56 (00:56) kuri uno wa Mungu itera ija ahitwa Sharjah muri Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu (UAE).
Iyi ndege yaguye i Sharjah ku gihe. Ariko umuhanuzi ajejwe imigenderanire mu biro vy'umukuru w'igihugu ca Emira Zunze Ubumwe z'Ab yabwiye abanyamakuru i Bahrain ko atari azi nimba Assad ari muri UAE.
Hagati aho, itororokanirizo ry'amakuru Reuters risubiramwo intwazangabo nkuru mu gisirikare ca Syria zitavuzwe amazina, aho zavuga ko Assad yuriye indege ya Syria ku kibuga c'indege ca Damas mu gatondo ko kuri uno wa Mungu.
Mu yandi makuru, Uburusiya buriko burarondera ingene bubandanya ibiganiro n'abategetsi bashasha ba Syria, n'ukungene imigenderanire nabo yozogenda muri kazoza.
Impungenge nyamukuru y'Uburusiya ni amaherezo y'ibigo vyabwo bibiri vya gisirikare – ikigo ca Hmeimim c'ingabo zirwanira mu kirere, hamwe n'ikigo ca Tartus c'ingabo zirwanira mu mazi, vyompi biri ku nkengera y'ikiyaga – bikaba bishoboza Uburusiya kugira igihagararo mu buseruko bwa Mediterane kuva mu myaka mike iheze.










