Yahinduye aja muri Miss Universe Nigeria inyuma y'aho vyankiye muri Miss South Africa

Ahavuye isanamu, Miss SA organisation
Chidimma Adetshina, yavuye ku gahato mu irushanwa rya Miss South Africa muri Afirika y'Epfo kubera akabira kiwe, yemeye ubutumire bwo kwitabira ihiganwa rya Miss Universe Nigeria.
Mu mashusho yashizwe ku rubuga rwiwe rwa Instagram, afise akamwemwe mu maso, uwo mukobwa w'imyaka 23 yagize ati: "Ndindiranye igishika kuzokwitabira amarushanwa azwi cane yo muri Afirika."
Madamu Adetshina yahiganywe muri Miss South Africa y'uyu mwaka ariko arabiheba, inyuma yo kubona ko yiziziwe n'abatihanganira abanyamahanga.
N'ubwo afise ubwenegihugu bwa Afirika y'Epfo, abantu bibajije nimba koko yemerewe guhiganwa kubera ko se ari umunya Nigeria kandi nyina afise inkomoko ya Mozambike.
Igisata c'intwaro yo hagati mu gihugu camukozeko iperereza kibitegetswe n’abateguye Miss South Africa, kivuga ko nyina wa Madamu Adetshina ashobora kuba yarakoze "amanyanga" kugira ngo abone ubwenegihugu bwa Afirika yepfo.
Inyuma y'ibi, Madamu Adetshina yafashe "ingingo itoroshe" yo kuva mu marushanwa kubera umutekano w’umuryango wiwe no ku neza y'amagara yiwe ku wa kane uheze.
Mu nyuma, Miss Universe Nigeria yahaye ubutumire Madamu Adetshina guhiganwa iwabo, aho bavuze ko "urugendo rwiwe mu mahiganwa ya Miss ku rwego mpuzamakungu rutararangira".
Abatunganya ihiganwa rya Miss Nigeria bongerako ko, Madamu Adetshina azoshobora "guhagararira igihugu ca se kavukire ku rwego mpuzamakungu".
Ntibizwi neza nimba Madamu Adetshina afise ubwenegihugu bwa Nigeria.
Uwuzotsindira Miss Universe Nigeria azohagararira igihugu mu marushanwa akomeye ya Miss Universe.
Igisata kijejwe ibibazo vy’imbere mu gihugu ca Afirika y'Epfo kiracakora ayandi matohoza afise intumbero yo kwerekana ko habaye ivyaha, ari na ko kibandanya kugisha inama mu vy'amategeko "ku ngaruka z’igikorwa c’amanyanga kivugwa ku bwenegihugu bwa Adetshina".
Amarushanwa ya Miss South Africa yabaye ku munsi wa gatandatu ushize.
Mia le Roux ni we yatsinze, aba umugore wa mbere afise ubumuga bwo kutumva atahukanye ikamba.
Hamwe Miss Adetshina yotsinda Miss Universe Nigeria, azohura na Miss Le Roux muri Miss Universe mu kwezi kwa cumi na rimwe.













