Abana bo muri Amerika barigeze kuba barungikwa kuri posita kurya kw'amakete

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Waqar Mustafa
- Igikorwa, Journalist, researcher
Hari igihe amakete yashobora kurungikwa i Buraya aciye mw'iposita zo muri Reta zunze Ubumbwe za Amerika gusa, ariko ugutwara amakete gutanguye gukoreshwa hagati kure mu gihugu mu 1913, kwarakoreshejwe bimwe biboneka.
Hagukoresha uburyo buzimvye mu kuja mu bisagara vya kure, bakoresha ibiro vya posita mu kurungika iforomaji, amagi, inkoko, imiswi, ... n'abana babo bakiri bato barabarungika kuva mu gisagara kimwe baja mu kindi.
Ni vyo. Uku n'ukuri. Abana barajanwa muri ubu buryo nk'imizigo n'abavyeyi babo, atari uko gusa bemera ubwo buryo posita ikoramwo, ahubwo kubera y'uko vyatwara amahera make.
Muvyo ukuri, ku bavyeyi bamwe, kugenda na gariyamoshi canke bisi vyatwara amahera menshi, rero bariyumviriye kubera iki batokoresha ubwo buryo bushasha bwari bugitanguzwa, mu mizigo bagashiramwo n'abana.
Amatohoza yakozwe na Joe Silvia, umuryango wa Beagle wo mu ntara ya Ohio muri Amerika wararungitse umwana wabo akiri muto kwa nakuru wiwe, ukoresheje iyi nzira ya posita.
Vernon O'Little, umukozi wa posita yarashikanye umwana wabo neza aho yategerezwa kujanwa, aho uwo muryango wa Beagle wagabanirijwe ama senti 15 kuyo wategerezwa kuriha, ariko uriha n'integabizoza (Assurance) ya 50$.
Ivyo vyaranditswe no mu kinyamakuru ca New York Times.
Inkuru yavuga 'Umukozi wa posita aho yashika gutora uwo mwana, yari yatekewe neza, yiteguye kurungikwa nk'ikete.'
Little (uwo mukozi wa posita), yaratwaye uwo mwana w'umuhungu neza ku kibanza cari canditse kuri iryo kete, kwa nakuru wiwe, Louise Beagle.
Iyi nkuru imaze kwandikwa, umukuru wa posita ya Amerika, Frank Hitchcock, yarakiriye ubutumwa buvuye ku muntu na we yashaka kurera umwana atari gwiwe (adoption).
Ubwo butumwa bwagira buti ' Nari nipfuza kubabaza amategeko yerekeye umuzigo kugira uwurimwo umwana uyakurikize, hanyuma wemererwe kujanwa uciye muri posita kuko abatwara imizigo ku buryo bwihuse bayitwara nabi.'
Bivuye kuri ubu butumwa bwaturutse Pennsylvania, ibiro bikuru vya posita muri Amerika vyategetswe gusohora itangazo rivuga 'abana, muvyo ibiro bikuru vya posita vyemera, ntibari mu mugwi w'inzuki n'udukoko dutoduto, ariko bari mu binyabuzima bishobora kurungikwa kuri posita.
Vyaragaragaye ko kurungika abana nk'umuzigo atari ibintu vyemewe n'amategeko, ariko mu bihe nk'ivyo, kenshi na kenshi vyarashika abana bakarungikwa nk'imizigo.

Ahavuye isanamu, NATIONAL POSTAL MUSEUM
Igihe umugore umwe w'i Oklahoma yarungikira umwana wiwe w'imyaka ibiri nasenge i Wellington, muri Kansas, New York Times yanditse ' uwo mwana w'umuhungu yari afise ikimenyetso mw'izosi cerekana ko yari afise amezi 18 igihe yarungikwa.
Haratanzwe ama senti y'amadolari, yajanywe ku birometero birenga gato 40 mu mabarabara yo hagati mu gihugu imbere yo gushikira ibarabara ry'indarayi.
Yari kumwe n'abakozi ba posita, barasangira indya ziwe hanyuma ashika ngaha ameze neza.'
Hari ikintu cashitse gitangaje mu kwezi kwa gatandatu mu 1914, aho umugore umwe yarungikira umwana wiwe w'umuhungu akoresheje posita se, Henry Euler i La Porte. Nyina wa Euler yaranse kwakira uwo muzigo uzanywe na posita, kubera umukazana wiwe yari yarahukanye. Haciye haba urubanza.
Uwo mwana yaciye aguma mu biro vya posita mu karere ka La Porte. The Star yanditse:'Bisa n'uko yari guca ajanwa mu biro bibikwamwo amakete babuze banyirayo inyuma y'ivyo, ariko vyaheze Euler aje gusaba uwo mwana.
Uwo mwana yararyohewe n'urwo rugendo, nkeka kubera umukozi wa posita Fred Stoll yashikanye uwo muzigo n'imodoka.'
Ikintu cabaye camenyekanye cane ku bana barungikwa nk'amakete ni Charlotte May Pierstorff yari yarungikiwe nakuru, yaba ku birometero birenga 100, muri gariyamoshi, mu kwezi kwa kabiri itariki 19 mu 1914.
Alexandra Denzer yanditse 'May yari afise indoto yo guhura na nakuru wiwe Mary, yavuga ko yaba ku birometero birenga umuliyoni, mu misozi ya Idaho.'
Ariko umuryango wa May nta buryo bwo kuriha igariyamoshi wari ufise kugira ashike ku ndoto ziwe, baca bashika ku ngingo yo kurungika May kwa nakuru wiwe i Grangeville, Idaho hakoreshejwe posita.
Yari afise gusa ama seni 53 yo kugura 'timbre' mu mufuko kuko muvyara wa nyina wa May, Leonard Mochel, yakora mu gisata c'amaposita kw'ibarabara ry'indarayi. Bishoboka ko ari kubera igihagararo no kudakekeranya ko uwo mukobwa azoba agiye mubazomwitaho, abakozi baho bemeye ata guhigimanga kurungika uwo mukobwa biciye kuri posita.
Urugendo rwa May rwabaye rurangiranwa igihe Michael O'Tunnel yandika igitabo 'Mealing May'.
Inyuma y'aho ivyo bibereye, uwurongoye ibiro vya posita muri Amerika, Burleson yarahagaritse igikorwa co kurungika abantu na posita.










