Kuzimba kw'ubuzima: Ibintu 5 vyogufasha mu gusaba kwongerwa umushahara

Inkuru ya Noor Nanji

Umunyamakuru w'ivy'ubutunzi

Woman working in office

Ahavuye isanamu, Getty Images

Niwaba wibaza yuko udahembwa ayakwiye, urashobora kuba utari wenyene.

Mu gihe imishahara muri rusangi yagiye iraduga, ntiyakurikije umurindi w'ikiguzi c'ubuzima, bisigura ko abantu benshi batorohewe mu kubaho.

Aya mezi ya vuba yaranzwe n’urutavanako rw'imyiyerekano, abakozi baharurwa mu bihumbi mirongo bahagarika akazi kubera kutumvikana ku mishahara, ubuzi n’uburyo bakoreramwo.

Nyinshi muri izo yegereyegere ziba mu gisata ca leta, aho kenshi abakozi badafise ubushobozi bwo kuganira umwe wese ukwiwe n’umukoresha.

Kandi waba ukora muri reta canke mu gisata c’abigenga, naho woba uganira n’umukoresha nta cemeza ko bizotuma haba iduzwa ry’umushahara.

Ariko hari uburyo wewe nyene wokwiha amahirwe yo gutera imbere.

Twavuganye n’abarondera abakozi, umukoresha n’umuhinga mu nyifato yo ku kazi turonka ibintu ngenderwako 5 vyokwisungwa mu kuganira kugira wongerwe amafaranga.

Rowsonara Begum ku kazi

Ahavuye isanamu, Rowsonara Begum

Insiguro y'isanamu, Rowsonara Begum avuga ko abakozi barondera kwongerwa umushahara bakwiye guhitamwo igihe ciza

1. Hitamwo igihe kibereye

Jill Cotton, umuhinga mu bijanye n'akazi mu kigo kirondera abakozi ca Glassdoor avuga ko kwiha ikirangamisi co kuganira n’umukoresha hakiri kare bibaha mwese akanya ko kwitegura, bivuga ko hari amahirwe menshi yo kugirana ikiganiro ngirakamaro.

Cotton agira ati: "Ntubite ku mukoresha wawe. Ntuce irya n’ino, vuga ko ukeneye umwanya w’ukuganira na we ku bijanye n’agahembo."

Rowsonara Begum afasha musazawe mu kurongora kompanyi y'indya zihiye ugura utwara Saffron Indian muri Salisbury, avuga ko ikiganiro kibwirizwa kuba mu mwanya mwiza.

Iyo kompanyi ikoresha abakozi 5, ariko rimwe na rimwe irafata abakozi b'igihe gito bivanye n'ukuntu akazi kaba kabaye kenshi.

Avuga ko iyo abakozi bahisemwo umwanya ivyashara biba ari vyinshi, baronka amahirwe menshi yo gushika ku kwongerwa umushahara.

2. Kuzana ivyemezo

Niba uriko usaba kwongerwa umushahara, ukwiye kwerekana ivyemezo vyinshi bigaragaza ko ukwiye kwongerwa.

Shan Saba, umuyobozi mu kigo Brightwork kirondera abakozi gifise icicaro i Glasgow agira ati: “Menya ivyo washitseko haba mu kazi kawe canke ivyo wakoze kugira wisununure mu bumenyi, kumbure mu gufasha abo mukorana, gufasha abakoresha bawe. Kora urutonde rw’ibintu vyose vyiza washitseko”.

Umuhinga mu nyifato yo ku kazi Stephanie Davies, nawe avuga ko ivyo vyemezo bifasha umuyobozi wawe gushira mu gaciro akabona igituma ukwiye kwongerwa.

Arabandanya ati: "Ubwonko buba bushaka kumenya "igituma". Kubera iki wokwongerwa umushahara?"

Saba arongera akagira ati: "Ntibikwiye gusa kuzana urutonde rw’ibintu vyose waranguye. Utegerezwa kandi kumenya neza ico ugiye gukurikizako.

“Niwaba ufise icipfuzo co kuduzwa mu kazi, utegerezwa kugira integuro y’ico ugiye gukora mu mwaka uri imbere.”

3. Kugira icizere

Iyo usavye umukoresha wawe kwongerwa umushahara, birasaba ko wigirira icizere kandi ukaba uzi agaciro kawe.

Nico kintu Begum yabonye mu burambe bwiwe mu kazi ariko aragira ibiganiro nk’ivyo n'abakozi.

Yagize ati: "Aha muri Salisbury, biragoye kuronka abakozi dukeneye.

"Kandi bigenda biragorana gukura abakozi mu mahanga. Rero abakozi baba bafise amahirwe menshi mu kiganiro c'umushahara kuko baba bazi yuko dufise ubukene bw'abakozi."

Jill Cotton wo muri Glassdoor avuga ko "kenshi abantu batagira icizere kubera bisa n’ikizira kuvuga ku mushahara'' ariko ufise ''ikibanza kinini mu kazi".

Stephanie Davies, umuhinga mu nyifato, avuga ko abagore n’abantu bava mu migwi ya banyamuke kenshi basanga bigoye kwaka umushahara munini.

Impanuro yiwe kuri bo n’uko bakwiye kurondera uwobaha inama canke uwo bafatirako akarorero yobereka ingene babigenza muri ivyo biganiro.

4. Iyumvire amafaranga ukeneye

Abahinga benshi bavuga ko ari nkenerwa ko umuntu abanza akamenya neza urugero rw’amafaranga akeneye [kwongerwa] imbere yo kuja kuganira ku mushahara.

Kora ubushakashatsi bwawe, nk'uko James Reed, wo uri kompanyi yo kurondera abakozi Reed aguhanura.

"Ushobora kuja ku mbuga ngurukana-bumenyi ukaraba ubuzi wogereranya n'ako ukora buriko burarondererwa abakozi n'amafaranga buhemberwa."

Madame Cotton aragabisha yuko igitigiri kigomba kuba igishoboka.

Agira ati: “Twese twoshima guhembwa ama miriyoni... Ariko duhembwa kugira dukore akazi k'ubuhinga kanaka dufise”.

5. Ntiwihebure

Niba izo ntambwe zose zitagushikanye ku kwongerwa umushahara, gerageza kudacika inkokora.

Madame Begum agira ati: “Rimwe na rimwe ibiganiro ku mushahara birashobora gufata igihe, mbere bikanamara amezi, ariko ni ngombwa ko ikiyago kigumaho”.

Kandi umushahara si vyose kandi si iherezo, nk'uko bivugwa na Reed.

Ati: “Si ngombwa ko aba amafaranga. Urashobora kuronka uturuhuko twinshi canke ukoroherezwa ku masaha y’akazi”, akongerako yuko ushobora gusaba gukarihirizwa ubwenge n’ibindi biguteza imbere.

Niwaba naho wumva yuko umukoresha wawe atariko arakuronsa ivyo wipfuza, ibuka yuko, hari ayandi mahirwe ahandi.

Madame Davies agira ati “Urashobora kuronderera ahandi, ico ni co cigwa nyamukuru”.