Somalia: abashika 100 baraye bapfuye mu gitero c'amabombe i Mogadishu
Abantu n’imiburiburi 100 nibo bamaze kumenyekana ko baraye bapfuye, abandi nabo 300 barakomereka mu bibombe bibiri vyaturikiye ku masanganzira y’ahitwa Zoobe ku mugwa mukuru wa Somalia, Mogadishu.
Umukuru w’ico gihugu Hassan Sheikh Mohamud avuga ko iki gitero ari ic’ubugome n’ubuhemu, ni mu gihe yari yishikiye ahabereye iri bara.
Ibitigiri vy’abapfuye n’abakomeretse bishobora kurenga ibimaze gutangazwa mu gihe ibikorwa vyo kurondera no kurokora aboba bagihema bikibandanya.
Iki nico gitero gikomeye gihitanye abantu benshi kuva mu 2017, aho ikamyo y’ubwiyahuzi yaturikira muri ico kibanza nyene, kigahitana abantu barenga 600.
Ibi bibombe bibiri vyaturitse haciye iminota mike hagati y’ica mbere n’ica kabiri.
Ikibombe ca mbere caturikiye ku biryo vy’ubushikiranganji bw’indero hafi y’amasanganzira asanzwe arangwako abantu benshi i Mogadishu. Ica kabiri naco caturitse mu gihe za rusehabaniha zari zishitse abantu nabo bashwabadutse kugira bafashe gutabara abahitanywe naco.
Perezida Mohamud atera akamo amakungu ko yofasha akarungika abaganga n’ibikoresho vyo kwa muganga mu gufasha kuvura abakomeretse.
Atera akamo kandi abanyagihugu kuja gutanga amaraso kugira bashobore kuvura abakomeretse.
Mu bishwe harimwo umunyamakuru yari azwi cane hamwe n’intwazangabo mu gipolisi.


Hampande y’abahasize ubuzima n’abandi bakomeretse, inyubakwa n’amamodoka yari mu micungararo vyahatikiriye.
Ibrahim Mohamed Adan, umunyamakuru wa BBC ari i Mogadishu avuga ati: “Hano ndi, ibintu vyaratikiye. Uravye iki kibanza n’imicungararo yaco, biteye umubabaro”.
Perezida Mohamud avuga ko iki gitero aho kubaca inkokora, giteye intege ahubwo reta yiwe mu rugamba rwayo rwo kurwanya ubukozi bw’ikibi mu gihugu.
Mu gihe bisanzwe bizwi ko umuhari al-Shabaab ari wo ukora ibitero nk’ibi, gushika ubu nta murwi n’umwe uriyitirira iki gitero ca nijoro.











