Abarwanyi ba al-Qaeda barekuye umunya-Afrika y’Epfo yari maze igihe kirekire yaranyurujwe

Gerco van Deventer yaciye atwarwa mu bitaro muri algeria kugira ngo apimwe

Ahavuye isanamu, Gift of the Givers/Facebook

Insiguro y'isanamu, Gerco van Deventer yaciye atwarwa mu bitaro muri algeria kugira ngo apimwe

Abarwanyi bafitaniye isano n’umuhari wiyitirira idini rya Islam, al-Qaeda, barekuye umuvuzi akomoka muri Afrika y’Epfo yari yafashwe bugwati muri Libya imyaka itandatu iheze, nk’uko bivugwa n’ishirahamwe ry’abagiraneza.

Ishirahamwe Gift of the Givers (twogereranya mu Kirundi na Ingabire y’Abagiraneza) rivuga ko ari ryo ryafashije kugira ngo Gerco van Deventer arekurwe “ata kirinze gusabwa”.

Iri shirahamwe rivuga ko Van Deventer ari we munya-Afrika y’Epfo wa mbere yari amaze igihe kirekire yaranyurujwe.

Yafashwe n’umurwi utavuzwe izina muri Libya mu 2017, hanyuma umugurisha ku barwanyi biyitirira idini rya Islam muri Mali haciye umwaka, akaba yarekuriwe “muri” Algeria, nk’uko ribivuga.

Isoko ryo mu gisata kijejwe umutekano muri Mali ryabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ko Van Deventer w’imyaka 48 yarekuwe.

AFP isubiramwo isoko ry’abajejwe ubutabazi rivuga ko uno muforoma yarekuriwe ku rubibe hagati ya Mali na Algeria.

Uturere tutari duto twa Libya turangwamwo akajagari kuva ingabo zishigikiwe na OTAN zitembagaje Perezida Muammar Gaddafi mu 2011, mu gihe Mali ihanganye n’inyeshamba ziyitirira idini rya Islam hamwe n’inyeshamba zishaka kwiyonkora zirwanira mu buraruko.

Gift of the Givers, ishirahamwe ryo muri Afrika y’Epfo, rivuga ko inzego za Algeria zijejwe umutekano zatwaye Van Deventer mu bitaro kugira apimwe inyuma yo kurekurwa.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ryandika ku rubuga rwa Facebook riti: "Turarindiriye ibiva muri ibi bipimo hamwe n’ibijanye no kumugarukana mu gihugu kugira asubirane n’umugore wiwe Shereen n’umuhungu wiwe Asher. Twari tumaze imyaka itandatu y’amaganya mu masengesho, twihanganye kandi dufise ivyizigiro”.

Van Deventer yari umuvuzi yakora mu kigo kijejwe umutekano igihe yafatwa ku wa 03 Munyonyo (11) 2017, mu gihe yari mu nzira atera aja ku rugomera rw’umuyagankuba rwariko rurubakwa ku birometero 1000 mu bumanuko bw’umugwa mukuru wa Libya Tripoli.

Abafundi batatu b’abanya-Turukiya bari banyururijwe hamwe bararekuwe inyuma y’amezi indwi, ariko wewe baramugumya.

Mu kwa gatatu uno mwaka, umuryango wiwe niho wasubira gutera akamo usaba ko yorekurwa.

Gift of the Givers ryaragize uruhara mu tundi twigoro tw’imbere y’aha twarondera kurekuza Van Deventer n’abandi bari bafashwe bunyagano mu karere ka Sahel.

Iri shirahamwe rivuga ko umuhari Jama'at Nasr al-Islam wal Muslimin ufitaniye isano na al-Qaeda wari wasavye ingwati y’imiriyoni zitatu z’amadorari y’Abanyamerika mu 2018, hanyuma iri shirahamwe rirashobora kwumvikana n’uno muhari uremera kumurekura ku bihumbi 500.000 vy’amadorari y’Abanyamerika.

Ariko, rivuga ko umuryango wa Van Deventer hamwe n’umukoresha wiwe batashobora kuronka aya mahera, uno muhari uvamwo uramurekura “ataco urinze gusaba” ku wa gatandatu.

Al-Qaeda in the Islamic Maghreb (AQIM, twogereranya mu Kirundi na Al-Qaeda mu karere ka ki-Islam ka Maghreb) hamwe n’iyindi mirwi y’intagondwa muri Afrika y’uburaruko n’iy’uburengero kuva kera yamye inyuruza abantu kugira isabe ingwati mu ntumbero yo kuronka amahera.

Uno muhari wavutse mu ntambara yo hagati muri Algeria mu myaka ya 1990 usanzwe ukorera mu karere ka Sahel mu bumanuko bw’ubugaragwa bwa Sahara hamwe no muri Mali na Burkina Faso.

Mu 2013, Ubufaransa bwararungitse ingabo 5000 muri Mali mu ntumbero yo kurwanya uno muhari n’iyindi bicuditse, mbere mu 2020 zikaba zarishe umukuru wa AQIM, Abdelmalek Droukdel.

Ariko mu mwaka uheze, Ubufaransa bwaratahukanye ingabo zabwo inyuma y’itembagazwa ry’ubutegetsi muri iki gihugu co muri Afrika y’Uburengero, hamwe no kubera abanyagihugu baco batabona ryiza ingene bwariko burarangura igikorwa cabwo ca gisirikare.

Ubu, abategetsi ba gisirikare bari ku ntwaro muri Mali bahaye kaze umuhari w’abacangero w’Uburusiya uzwi cane, Wagner, mu ntumbero yo kurwanya inyeshamba.