Igisirikare ca Sudani cabohoje ikirimba c'umukuru w'igihugu inyuma y'imyaka ibiri
- Umwanditsi, Barbara Plett-Usher
- Igikorwa, BBC News, Port Sudan
Abarongoye igisirikare ca Sudani bavuga ko ingabo z'igihugu zabohoje ikirimba c'umukuru w'igihugu cari mu minwe y'umurwi witwara gisirikare uzwi nka Rapid Support Forces, ku mugwa mukuru Khartoum.
Videwo n'amasanamu yacishijwe ku mbuga hwaniro yerekana abasirikare bari mu munezero bazunguza inkoho mu kanyamuneza, bongera bapfukama basenga.
Igisirikare gisa n'iciteguriye kubohoza umugwa mukuru inyuma y'imyaka ibiri kiwirukanywemwo n'uno murwi witwara gisirikare, uzwi nka RSF, mu mpfunyapfunyo.
Uno murwi ntaco uravuga.

Ahavuye isanamu, Sudan TV
Nabil Abdallah, umuvugizi w'igisirikare, yavuze ku mboneshakure y'igihugu ko igisirikare cafashe ico kirimba hamwe n'inyubakwa z'ubushikiranganji hagati mu gisagara ca Khartoum.
Ati: "Ingabo zacu zatujije burundu ingabo z'umwansi zisambura n'ibikoresho vyiwe, zifata n'ibindi vyinshi hamwe n'ibirwanisho vyinshi".
Khartoum ni ho hatanguriye iyi ntambara y'ubugome muri iki gihugu, haraciye imyaka yababa ibiri, kandi ni naho habereye zimwe mu ntambara zikomeye cane. RSF yagenzura hafi umugwa mukuru wose hamwe n'uburengero bwa Sudani kuva intambara yadutse.
Kugaruza Khartoum yoba ari intsinzi ikomeye ku gisirikare ca Sudani, kandi ikaba n'igihe gihambaye muri ino ntambara. Igisirikare kandi cateye intambwe mu bice bimwe vyo hagati muri Sudani muri izi ndwi za vuba.
Ku wa kane, ababibonye bavuga ko bumvise ibiturika mu bitero vyakozwe na za ndege zitajamwo abadereva (drone) no mu bitero vyo mu kirere hafi y'iki kirimba.
Mu butumwa yacishije kuri videwo ku wa gatandatu, umukuru wa RSF, Mohamed Hamdan Dagalo, azwi ku ritazirano rya Hemedti, yiyemeje kurwanira ikirimba c'umukuru w'igihugu n'uturere turi mu micungararo tugenzurwa n'umurwi wiwe.
Yagabishije ko yari gukora n'ibindi bitero mu bisagara bitari bike vyo mu buraruko.
Utwigoro tutari duke tw'amahoro ntaco twashitseko mu gihe impande zihanganye ziyemeza kubandanya intambara mu ntumbero yo kugenzura ibibanza bikomakomeye.
Iyi ntambara irateje ingorane za mbere zikomeye kw'isi mu bijanye n'ubutabazi, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe ONU, aho impande zompi, RSF n'igisirikare, zagirizanya ibikorwa vy'agahomerabunwa vyo guhonyanga agateka ka zina muntu.
Wycliffe Muia yaterereye muri iyi nkuru.














