DR Congo: Imvo n'Imvano ku migwi mvamahanga yitwaje ibigwanisho

DR Congo: Imvo n'Imvano ku migwi mvamahanga yitwaje ibigwanisho

Imvo n’Imvano yo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 31 ukwezi kwa 12 mu 2022 yerekeye ikibazo cy’ishira mu bikorwa ry’amasezerano ya Luanda yashizweko umukono itariki 23 z’ukwezi kwa 11, yategeka imigwi yose y’abanyamahanga igwanira mu gihugu ca RD Congo - FDLR-FOCA, RED-TABARA, ADF na FNL - gushira ibigwanisho hasi no gutahuka mu bihugu iturukamwo bitarenze inyuma y’imisi itanu kuva ayo masezerano ashizweko umukono.

Hisunzwe ayo masezerano n’ibiganiro vyitiriwe Nairobi, imigwi y’abanye-Congo yitwaje ibigwanisho ishika 50 yavyitavye, yemeye kwubahiriza amasezerano ariko ivuga ko itazopfa ishize ibigwanisho hasi imigwi y’abanyamahanga itaratuzwa muri ico gihugu.

Imvo n’imvano yatumiye imigwi ikomeye muri iyo y’abanyamahanga iri muri Congo kugira ngo yumve impamvu kugeza ubu idashira mu bikorwa amasezerano ya Luanda.

Yari yatumiye kandi reta z’Urwanda n’Uburundi kugira twumve ico zifuza kugira zakire abarwanyi b’iyo migwi.

Kuko ayo masezerano ya Luanda asaba ibihugu iyo mirwi ikomokamwo gukora ibishoboka kugira yakire abari abarwanyi biyo migwe. Ibihugu bivugwa n’Uburundi n’Urwanda.

Yaba reta y'Urwanda yaba teta y'Uburundi batwankiye.

Twanatumiye n’umuryango- ICG- wiyemeje gukinga amatati kw’isi kugira usesengure uko babona ico kibazo c’imigwi y’abanyamahanga itegerezwa kuva ku butaka bwa Congo vyanze bikunze.

Iki kiganiro mwagiteguriwe kandi mugishikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.