'Nashingijwe ku mutama w'imyaka 70 nkifise imyaka 13' - Nancy Milanoi

Nancy Milanoi

Ahavuye isanamu, NANCY MILANOI

Insiguro y'isanamu, Nancy yagize ubuzima burimwo umubabaro akiri umwana
    • Umwanditsi, Anne Ngugi
    • Igikorwa, BBC Swahili

Nancy Milanoi, 42, ni umugore wo mu bwoko bw'aba Masaai bo gihugu ca Kenya.

Igihe cose yibutse kahise kiwe, cane cane akiri umwana, aca yuzura umwosori, kubera icyo yita gutakaza ubuto bwiwe, mu gutangura ubuzima bukomeye, mu gihe yari yiteze ibitandukanye n'ivyo.

Milanoi avuga ko vyose vyavuye ku mico n'imigenzo vy'aba Masaai, bicinyiza abana b'abakobwa, uhereye mu gukatwa igihimba c'irondoka (Mutilation genitale feminine) no gushingizwa ku nguvu, n'aho iyo mico yiyamirizwa biciye mu mategeko mpuzamakungu n'inyigisho zigenewe abanyagihugu.

Ububabare bwo gukurwa amenyo

NANCY MILANOI

Ahavuye isanamu, NANCY MILANOI

Mikanoi yatanguye kugira ingorane zo mu bwana afise imyaka icenda, aho, hakurikijwe imico n'imigenzo y'aba Masaai, bamukura amenyo abiri yo musi.

Uwo mugore aribuka ingene yafashwe ku nguvu, bacisha imbugita musi y'amenyo yiwe, aho avuga ko yumvise ububabare atazopfa yibagiye, n'aho haheze igihe kirekire ivyo bibaye.

Agira ati: "Nta muntu n'umwe yari bwigere ambarira ivyerekeye umuco wo gukurwa amenyo mu muryango wacu, ariko nahora mbona abantu bakuze n'abana batagira amenyo yo musi, nkibaza ko ari ko baremwe.

"Umusi bakura amenyo yanje, narababaye cane. Kandi nk'uko umuco wari umeze, nta muti wo kugabanya ububabare nahawe."

Milanoi avuga ko iyo yari intambwe ya mbere yo gushirwako ikimenyetso c'imigenzo yabo.

1993: Umwaka nashingijwe ku mutama w'imyaka 70

Nk'uko Milanoi abivuga, "Abakobwa b'aba Masaai, cane cane ababa mu gihugu hagati, bakora ibikorwa vyo muhira, rimwe na rimwe bakaja no kuragira impene n'intama".

Mu gihe c'uburuhuko avuye kw'ishure, yibaza ko bari gushobora kumureka akaja hamwe n'abandi bigeme bo mu gace yabamwo kugira batere rya renga ku buzima bwabo bwo mu bwana.

Si ko vyagenze kuri Milanoi. Abavyeyi biwe bo bateguye kumushingira ku mutama w'imyaka 70. Ivyo rero ntivyari gukunda kuko mu mico n'imigenzo y'aba Masaai yategerezwa kubanza gukatwa igihimba c'irondoka.

Kugira ivyo vyubahirizwe, abavyeyi biwe, bari bakiriko baraganira ku ciyumviro co kumushingira, baratoye umusi wo kumukata igihimba ciwe c'irondoka. Nyina wiwe ni we yabimusiguriye.

Milanoi agira ati: "Kuri uwo mugoroba, nshitse muhira, nasanze hari amasura mashasha. Sinari nzi ikindindiriye muri iryo joro."

Iryo joro rero baramukase igihimba ciwe c'irondoka n'aho wewe atavyipfuza.

NANCY MILANOI

Ahavuye isanamu, NANCY MILANOI

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu Bamasaai, umukobwa amaze gukatwa igihimba ciwe c'irondoka, ategerezwa kuja ku mugabo yamaze kumukwa, kandi ategerezwa kwirinda kuja hamwe n'abandi bana kw'ishure.

Mu kiruhuko co mu kwezi kwa kane mu 1993, uwari yakunze Milanoi yaraje mu kigwati ca Olorien guhitamwo umugore wiwe akiri muto.

Milanoi agira ati: "Nari mu nzu, data atangaza ko hageze ko negeranya ibintu vyanje vyose kubera umugabo wanje aje kuntora."

Abandanya avuga ko, se wiwe amaze kuvuga ivyo, umubiri wiwe waciye ugira ikinya nk'iminota 30. Avuga ko yaciye yumva umutwe uriko urazunguruka kuko wanse kwakira uburemere w'iyo nkuru.

Ico gihe yari afise imyaka 13, ntiyatahura ico abavyeyi biwe bariko barakora. Yashaka kubandanya amashure yiwe, ntiyashaka kuba umugore w'umuntu.

Aribuka se wiwe n'abandi bantu bo mu kigwati cabo bamushira mu modoka bakamwugaranirayo, kubera uwari agiye kuba umugabo wiwe yari afitaniye inama ngufi n'umuryango wiwe.

Milanoi agira ati: "Ndi mu modoka naguma ndaba ivyo bariko barakora, ari na ko numva inguvu ziriko ziramperana."

Umusi wa mbere ku mugabo

Milanoi ntiyari yiteguriye kuja kurongorwa ku nguvu. Incuro zitatu zose, uyu mugore yaragerageje gutoroka.

Ku musi wa mbere, yararanye n'umugore wa mbere w'umugabo wiwe. Mu gitondo gikurikira, yaragerageje guturoka aciye mw'ishamba, inyuma yo kungenda amasaha atari make, yarashitse kwa narume, ariko na ho nta mutekano yahagiriye.

Milanoi agira ati:"Inyuma y'imisi itatu ndi kwa marume, aho nibaza ko naronse ubuhungiro, nabonye imodoka iza. Wa mutama nyene yarurutse hanyuma marume aca aramumpa kandi".

NANCY MILANOI

Ahavuye isanamu, NANCY MILANOI

Yatinze ashobora gutoroka

Mu nyuma uyu mwigeme, vyatinze bikunda ko atoroka, imbere y'uko bahuza ibitsina n'uwo mutama.

Yaciye atangura gukora ubuzi bw'ubuyaya kuko umuryango wiwe waciye umuca kuko yanse kurongorwa.

Ariko ivyo yari yaciyemwo vyamuhaye inguvu zishasha n'intumbero nshasha vy'ubuzima, aho yiyumva ko azoba umuntu avugira abana b'abakobwa babangamirwa n'imico n'imigenzo bakiri bato.

Nancy Milanoi amaze imyaka 15 aharanira agateka k'abakobwa b'aba Masaai bakatwa ibihimba vy'irondoka, no kurungikwa ku bagabo ku nguvu bakiri bato.

Uyu mugore avuga ko muri iyi myaka yavuba, ibintu vyahindutse. Abantu baratanguye kuza baraheba imico n'imigenzo bibangamira abana b'abakobwa.