Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DR Congo-Kishishe: ‘Monusco ni baze berekane aho abo bantu bahambwe’-M23
Umuhari w’inyeshamba M23 urahakana ibiri mw’igendereza rya MONUSCO riwagiriza kwica abasivire barenga 130 mu karere ka Rutshuru mu ntara ya Kivu ya Ruguru mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Mw’itangazo, M23 ivuga ko iri gendereza rihengamye kubera ko ritakorewe ahabereye ubwicanyi.
Ku wa kane , ubutumwa bwa ONU bwo kubungabunga amahoro muri Congo buzwi nka Monusco bwasohoye icegeranyo c’intangamarara c’igendereza rivugwa ko ryakorewe hafi y’uduce twa Kishishe na Bambo muri Rutshuru, rikerekana ko abasivire bagera kw’131 bishwe muri utwo turere ikoresheje amasasu n’ibirwanisho kama. Reta ya Congo yo yavuze ko hishwe abantu barenga 270.
Monusco ivuga ko ivyo bigwati bibiri vyahohotewe n’abarwanyi ba M23 mu gitero co kwihora mu gitero c’iyindi mirwi y’inyeshamba.
Munyarugerero Canisius ni umuvugizi wa M23, yavuganye na Prudent Nsengiyumva, umviriza uko asigura igituma igendereza rya Monusco ataryemera.