Tanzania: Imisi 100 ya Perezida Samia y'ivyiza n'umubabaro

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uno musi wa kabiri igenekerezo rya 10 Ruhuhuma (2) 2026, ni umusi ugira 100 kuva Perezida Samia Suluhu Hassan arahiriye ikiringo ciwe kigira kabiri nk'umukuru w'igihugu ca Tanzania, hari ku wa 03 Munyonyo (11) 2025. Imisi 100 ni igihe gito cane ku burongozi bw'igihugu, ariko iki ni co gihe nyaco cerekana ingene ubutegetsi bugiye kubandanya.
Kuri Perezida Samia, iyi misi ntiyagiye uko: yaje n'ivyizigiro bikomeye, ibibazo biremereye, hamwe n'ikintu cahinduye bikomeye ukungene iki kiringo ciwe kibonwa.
Ni imisi 100 yatanguranye impari ku ntsinzi y'akataraboneka muri poritike y'ico gihugu, aho yatsindiye amatora yo k uwa 29 Gitugutu (10) 2025 ku majwi 98%.
Iyi misi kandi yaherekejwe n'ibibazo ku bintu bibiri: ubutungane n'amahoro vyubatswe ku nshingano zibiri: ugusubiza hamwe, n'impinduka mu nzego, na cane cane izihagarariye intwaro rusangi, amatora n'ubutungane.
Kuva habaye imyiyerekano yo kwiyamiriza amatora yahavuye avamwo intureka, impfu, inkomere n'ubwononyi bukomeye bw'amatungo, imisi 100 ntiyari ikibaye iyo kwihweza inshingano yihaye n'ingene ziriko zishirwa mu ngiro, ahubwo yerekeye ukungene igihugu kiriko gikomeza umutekano, ubutungane, amahoro n'ugusubiza hamwe inyuma y'iyo migumuko.
Iyi nkuru si iyo kuraba kuri iyi misi ijana mu ntumbero yo kunegura canke kwagiriza aba na bariya, ahubwo ni ukwerekana ingene ibintu bimeze. Ni ukugerageza gutahura igituma iyi misi 100 ya Perezida Samia ishobora kwitwa iy'ubwiza, ariko ubwiza bwuzuye umubabaro.
Ubudasa hagati y'imisi 100 ya 2021 n'iy'ubu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Imisi 100 ya mbere ya Perezida Samia Suluhu Hassan mu mwaka wa 2021 yari iyidasanzwe. Yashitse ku butegetsi, nk'uko bitegekanijwe n'ibwirizwashingiro, asubiriye Perezida John Pombe Magufuli yapfuye giturumbuka uwo mwaka. Intego yiwe y'imisi 100 ya mbere ico gihe ntiyari iyo gushira mu ngiro izindi nshingano nshasha, ahubwo kwari ukugarukana ituze mu vyaporitike, kugarukana ukwizigiranira hagati ya Tanzania n'amakungu, be no kwerekana ko igihugu cari gihagaze neza.
Muri ico gihe ca 2021, ikintu nyamukuru kwari ugusubiza hamwe mu gacerere, kwugurura buke buke urubuga rwa poritike, kugarukana imigenderanire n'amakungu, hamwe no gutsimbataza ubumwe mu gihugu. Nta gitutu cariho co kwita ku nshingano nyamukuru z'ibihe vy'amatora, kuko Perezida Samia atari yashitse ku butegetsi biciye mu nzira y'amatora nk'umukandida mukuru. Yari icegera ca Magufuli. Rero Magufuli ni we yabonwa cane gusumba icegera ciwe.
Imisi 100 y'iki kiringo ciwe ca kabiri iratandukanye cane. Iyi ni imisi 100 y'uburongozi yahawe biciye mu matora yamuhaye intsinzi kuri 98%. Imbere y'igenekerezo rya 29 Gitugutu, iyi misi yari yitezwe ko yari iyo gushira mu ngiro ibintu nyamukuru, impinduka ziboneka n'inzira nshasha ya poritike.
Ubudasa mu mwaka wa 2021 aho Perezida Samia yari yitezwe kuba umuhuza, iyi misi 100 y'ubu ayimaze ari mu mayira abiri, ku ruhande rumwe ategerezwa gushira mu ngiro ivyo yiyemeje, gukomeza umutekano, ku rundi ruhande naho agategerezwa kwitaho igikomere ca poritike cateje ibibazo bindi ku bijanye n'uburenganzira, gusubiza hamwe igihugu, na kazoza k'igihugu.
Ni ibiki Samia yari yiyemeje mu misi 100 ya mbere?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igihe yugurura imyiyamamazo yiwe mu matora rusangi ya 2025, Perezida Samia yari yiyemeje ko mu misi 100 ya mbere kuva arahiye yari gushira mu ngiro ibintu nyamukuru bitari bike yemereye Abatanzania.
Bimwe muri ibi harimwo guha akazi abantu bababa 12.000 mu bisata vy'ubuvuzi n'indero, gutangura kugerageza umugambi w'ubwishingizi mu vy'amagara y'abantu kuri bose, kurihira ijana kw'ijana abanyagihugu ba ntahonikora ibipimo vyo kwa muganga vy'ingwara zikomeye, hamwe kandi no kurandurana n'imizi ingeso y'ibitaro yo gupfunga ibiziga kubera bene abantu babuze amahera yo kwishura.
Ku ruhande rw'indero n'ugutanga kazi, Perezida Samia yari yiyemeje guha akazi abigisha 7.000 b'ibiharuro na siyansi.
Mu bindi yari yiyemeje harimwo kwegeranya imiriyaridi 200 z'amashilingi ya Tanzania yo gufashisha abadandaza bato bato n'ababayabaye mu kubaha imitahe, gutanguza inganda ku rwego rw'uturere, gukomeza uburyo bwo guteka hatononywe ibidukikije, amasoko ntanganguvu, gutanguza umugambi w'igihugu wo gukwirakwiza amazi, hamwe no gushiraho uburyo bubereye bwo gukurikirana indongozi.
Ariko nubwo biri uko, muri izo nshingano zose, amaso yose yerekejwe ku bibazo bibiri nkoramutima: gutanguza umugambi w'igihugu wo gusubiza hamwe no gutanguza umugambi wo gushiraho ibwirizwashingiro rishasha, mu misi 100.
Ivyaranguwe mu misi 100 vyatosekajwe n'ivyabaye ku wa 29 Gitugutu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Inyuma y'ivyabaye ku wa 29 Gitugutu, uburyo Reta yakora n'ukuntu yakurikirana ibikorwa vyayo vyarahindutse. Imisi 100 y'ubutegetsi bwiwe yatanguye ishimangira ubutungane n'amahoro, ariko buri ruhande rukabisigura mu buryo bwarwo. Buri gihe, ikibazo c'umutekano ni co cahabwa agaciro kugira igihugu gisubire mu buzima busanzwe.
Ni ho ukutabona ibintu kumwe kwatanguye kwibonekeza, n'aho mu ntango bitavugwa cane. Ku ruhande rwa Reta, umuvugizi wayo Gerson Msigwa yashimangira ko ico gihe ikibazo nyamukuru cari umutekano w'igihugu.
Msigwa yabwiye BBC ati: "Muri iyi misi 100, Tanzania yerekanye ukungene ishoboye guhagararira umutekano wayo".
Mu gihe inzego za reta n'ubushikiranganji butandukanye vyabandanya ibikorwa vyavyo bisanzwe, ivyo kwinjiza abakozi bikabandanya, imigambi y'ubwubatsi ikabandanya, umugambi w'ubwishingizi kuri bose ugatangura hanyuma n'umurwi nserukiragihugu wa Tanzania (Taifa Stars) ugashika ubwa mbere mu gice c'umunani gishira ica nyuma mu gikombe ca Afrika mu mupira w'amaguru, ibi vyose ntivyavugwa cane mu gihugu. Vyapfutswe n'ubukana bw'ivyabaye ku wa 29 Gitugutu.
Gusubiza hamwe, ibwirizwashingoro rishasha n'ibindi

Ahavuye isanamu, MrokiM
Umugambi wo gusubiza hamwe be n'integuro y'ibwirizwashingiro rishasha ni ibintu bibiri bikomeye vyari vyitezwe muri ino misi 100 ya mbere ya Samia. Ariko, ibi bibazo vyompi ntivyatangujwe ku rugero rwari rwitezwe.
Perezida Samia, mu gihe yiyamamaje avuga ko yari gushiraho umurwi w'igihugu ujejwe gusubiza hamwe mu misi 100 ya mbere, vyabaye ngombwa ko yemera guhindura. Aho gutanguza ubwo nyene umugambi wo gusubiza hamwe, reta yabanje gushinga umurwi wo gutohoza intureka zo ku wa 29 Gitugutu kugira ngo ivyabaye bimenyekane. Nk'uko reta ibivuga, ibizova muri aya matohoza ni vyo bizotanga inzira y'ugusubiza hamwe mu gihugu.
Ku ruhande rw'abafise uruhara muri poritike, harimwo amahinyu. Icegera c'umukuru w'umugambwe CHADEMA, John Heche, arerekana amakenga afise kuri uno murwi, aho agira ati: "Ntidushobora kuja mu vyo gusubiza hamwe hakiri abapfungiwe poritike".
Ku bw'abatavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi, ivyo gusubiza hamwe ntibishobora gutandukanywa n'ibibazo bishingiye ku burenganzira hamwe n'ubwigenge.
Ku ruhande rw'abahinga, Dr. Onesmo Kyauke yigisha kw'ishure kaminuza ya Dar es Salaam asubirwamwo n'ikinyamakuru Mwananchi ashimangira ko umugambi wo gusubiza hamwe udashobora kwubakirwa ku gacerere. Ku bwiwe, ugusubiza hamwe nyakwo "gutegerezwa gushira imbere ukuri imbere ya vyose aho kwagirizanya".
Umugambi wo gutanguza integuro y'ibwirizwashingiro rishasha mu misi 100 ya mbere gushika ubu nta kintu kiboneka cerekana ko woba ugiye gutangura. Reta ivuga ko hatararengerana, ariko amashirahamwe, yaba aya poritike, yaba ay'abadaharanira ivyicaro vya poritike, yose afise amazinda ko reta ata gushaka yoba ibifisemwo.
Msigwa ati: "Ntitwari twiteze ko ivyabaye ku wa 20 [Gitugutu] vyari kuba. Rero kubera ivyabaye vyabaye, reka tubanze tubitorere umuti. Inyuma y'akanya gato, tuzoca dutangura gushira mu ngiro izindi nshingano".
Nk'uko Msigwa abivuga, imisi 100 ya mbere yabaye cane cane iyo gutorera umuti ivyabaye ku wa 29 Gitugutu, ariko ko ibibazo bijanye no gushiraho ibwirizwashingiro rishasha hamwe n'umugambi wo gusubiza hamwe na vyo bifise ikibanza cavyo, kandi ko reta ataco itazokora kugira ngo bishirwe mu ngiro, nk'uko Perezida Samia n'umugambwe wiwe CCM bavyiyemeje.
Muri rusangi, imisi 100 ya Perezida Samia muri iki kiringo ciwe kigira kabiri ifise impande zibiri: ubwiza bw'ivyo yashitseko n'uburemere bw'umubabaro. Ni igihe gisize ibibazo vyinshi mu banyagihugu, inyuma y'amatora yo ku wa 29 Gitugutu n'amarushwa yabazaniye. Baribaza bati: "None ugusubiza hamwe be n'impinduka vyari birindiriwe kuva kera, koko bizoteba bihabwa ikibanza cavyo?"













