Rachel Ruto: First Lady wa Kenya yatangaje amasengesho yo kurwanya ubutinganyi

Ahavuye isanamu, RACHEL/TWITTER
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Kenya (First Lady/Première Dame) Rachel Ruto yatangaje amasengesho mu gihugu cose yo kurwanya ubutinganyi, avuga ko ari igitero ku muryango.
Umupfasoni Ruto avuga ko igihugu kidashobora gushigikira ingingo Sentare nkuru y’igihugu yafashe mu kwezi guheze yo kwubahiriza uburenganzira bw’abatinganyi bwo gushinga amashirahamwe.
Ejo ku wa Mungu, umupfasoni Ruto yavuze ati: “Ntidukwiye no kugerageza kuvuga ivyerekeye abatinganyi. Iki ni ikiganiro tudakwiye no kuba dufise mu gihugu kubera ukuvyemera ni nko guta ubuntu bwacu muri nyabarega”.
Ubutinganyi buracafatwa nk’icaha muri Kenya. Sentare nkuru y’igihugu yemeje ko kwima abatinganyi uburenganzira bwo gushinga imirwi ibavugira muri Kenya kwoba ari uguhonyanga uburenganzira bwabo bwo gushinga amashirahamwe, nk’uko biri mw’ibwirizwashingiro.
Hagati aho, iyi ngingo yiyamirijwe n’umukuru w’igihugu William Ruto hamwe n’abarongoye amadini muri Kenya.
Umushikirizamanza mukuru wa Kenya avuga ko reta izorwanya iyi ngingo ya sentare, agashimangira ko iki kibazo gitegerezwa kuganirwako n’abanyagihugu, ko atari ikibazo cega amasentare.






