Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imvo n'Imvano kuri Chris Ndikumana azwi cane mu butumwa bwitwa Kanguka
Ikiganiro c' Imvo n'Imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 7 ukwezi kwa kabiri mu 2026 giha ikaze muri studio za BBC i Nairobi Chris Ndikumana – yamenyekanye cane mu butumwa bwitwa Kanguka buhererekanywa cane hakoreshejwe WhatsApp.
Ubwo butumwa yatanguye abutanga mu rurimi rumwe rw'ikirundi ariko ubu bukwiragizwa no mu zindi ndimi nk'igifaransa n'icongereza.
Chris Ndikumana kandi ubu akoranya isinzi ry'abantu benshi mu bikorane bitandukanye hirya no hino kw'isi, benshi bakagenda bashinga intahe ko bakize ingwara bari bafise.
Hari abibaza Chris Ndikumana uwo ari we, ingene yatanguye iyo mirimo y'Imana, n'uko koko ivyo bamuvugako ko akiza abagwaye vyoba ari vyo.
Chris Ndikumana, umutumire wa Cyriaque Muhawenayo yabateguriye iki kiganiro, arishura kuri ibibibazo vyose.