'Nkeneye uwomfasha' : ibihumbi babuze iyo baja inyuma yo kubohorwa mu bigo vy'ubwambuzi muri Myanmar

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Jonathan Head, Lulu Luo na Thanyarat Doksone
- Igikorwa, BBC News
- Yakoze inkuru ari, Mae Sot, ku rubibe rwa Thailande na Myanmar
''Ni izina ry'Imana nkeneye uwomfasha,'' bivugwa bukebuke n'umugabo ari ku yindi mpera y'umurongo.
Uwo munya-Ethiopia, yiyita Mike, avuga ko ari kumwe n'abandi bantu 450 mu nyubakwa imbere muri Myanmar (yahoze ari Birmanie) ku rubibe ihana na Thailande.
Bari mu bantu ibihumbi babohowe mu bigo vyabaye akaramanda mu bwambuzi bimaze imyaka bikorera aho ku rubibe, mu bisa n'igikorwa ca mbere gikomeye co kurwanya ubwo bubisha ku rubibe rwa Thailande na Myanmar.
Ariko benshi muri abo ubu ntibagira iyo baja n'iyo bava aho bari mu dusago tw'amakamakambi muri Myanmar kuko kwiga ivyabo no kubaronderera indege zibasubiza iwabo bifata igihe kirekire.
Imigwi y'abitwaje ibigwanisho ibafise ifise uburyo budashobora kubeshaho neza abantu benshi gutyo – barenga 7.000. Umwe muri bo yavuze ko bahagaritse kurekura abantu muri ivyo bigo kuko kubajana muri Thailand bituhitishwa bikwiye.
BBC yamenye ko muri ayo makambi abantu babayeho mw'isuku rike cane, ivyo kurya bikwira ku manampa, kandi abakozi barekuwe, nka Mike, amagara yabo ntiyifashe neza. Yamana ubwoba bwo guterwa, inyuma yo kumara umwaka akora ahantu yama ariko arakubitwa.
Yatubwiye ko bagaburirwa bibayabaye cane kabiri ku munsi, hari utuzu twa surwumwe tubiri gusa ku bantu 450, akavuga ko bituma aho hose babonya bishoboka.
Yigana ingene yashitse aho hantu, Mike yahamagawe haraheze umwaka ngo aje gukora akazi, yabwirwa ko ari keza, muri Thailande, kamusaba gusa kuba azi icongereza neza no kwandika n'imashini.
Ariko yisanze ageze ahantu akoreshwa nk'igikoko, akoreshwa amasaha y'umurengera buri munsi kugira ashike ku ntego yaba yahawe na ba sebuja b'Abashinwa mu kwambura abantu aciye kuri internet.
''Nta kintu kibi nk'ico cari bwanshikire mu buzima. Nivyo koko narakubiswe. Ariko sindababesha narabonye abandi bakorewe amabi kundusha.''

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mike ni umwe mu bantu 100.000 vyibazwa ko babeshwe bakagwa mu mutego wo kuja mu bikorwa vyo kwambura ku rubibe rwa Myanmar na Thailande, ibikorwa birongowe n'Abashinwa bikika mu kiza c'akajagari kari muri ico gice ca Myanmar.
N'ubwo hari ivyegeranyo aho abatorotse muri kahise bavuga amahano akorerwayo, abantu ibihumbi n'ubu baracaza bava irya n'ino kw'isi aho kuronka akazi keza bigoye, bakaza bazi ko bagiye kuronka akazi gahemba neza.
Ubushinwa, aho benshi mu bamburwa bari, bwarakoze kugira ivyo bikorwa vy'ubwambuzi bihagarare ku rubibe rwabwo na Myanmar, ariko gushika uyu mwaka, bwaba Ubushinwa, yaba Thailande, nta kinini vyari bwakore ku rubibe rwa Myanmar na Thailande.
Ariyan, umusore aturuka muri Bangladesh, yagarutse muri Thailande kugerageza gufasha abagenzi biwe 17 bakiri yo. Avuga ko yiyemeje kubikora inyuma y'aho nawe atorokeye bigoranye kimwe muri ivyo bigo vy'ubwambuzi muri Gitugutu (10).
Yatweretse video ngufi, idafashe neza, y'urupangu rwari rukuriko rurubakwa mu kiyaya ca kure c'ibiti, aho yari apfungiwe, aho yibuka ingene we na bagenziwe bari bafashwe nabi cane n'umukoresha wabo w'umushinwa.
''Buri indwi badusaba kwinjiza 5.000 vy'ama dorari. Atari aho baca badukozako kabiri itsinga z'umuyagankuba. Ariko iyo twaronse amafaranga menshi, baratunezererwa cane.''
Ariyan yari ajejwe kurondera abantu bo mu bihugu vy'Abarabu akabahenda ngo barungike amafaranga y'imitahe mu migambi itabaho. Hakoreshejwe ubwenge bw'ubukorano (Intelligence Artificielle), abo bambuzi batuma aboneka ku mashini (canke kuri terefone) nk'umugore mwiza akiri muto, n'ijwi ryiwe rigahindurwa.
Avuga ko yababazwa no kubikora. Aribuka umugabo umwe yari yemeye n'ukugurisha ibitako vy'agaciro vy'umugore wiwe kugira atange amafaranga muri iyo migambi y'ubusuma, n'ingene yifuza kumuburira. Ariko avuga ko abategetsi biwe bagenzura ivyo yavuga vyose.

Ahavuye isanamu, BBC/ Lulu Luo
Ukurekura abo bakozi bo muri ivyo bigo vy'ubwambuzi vyatanguye mu ndwi zibii zirenga ziheze igihe Thailande, imaze kuremerwa n'Ubushinwa na bamwe mu banyeporitike bayo, yacira amatara n'imihora yo gutumatumanako ivyo bigo vyo ku rubibe.
Yabujije abategetsi b'ivyo bigo gushikira amabanki uko bashatse ica inasohora imitahe yo gufata bamwe mu migwi y'abitwaje ibigwanisho yakingira urwo rudandazwa.
Ivyo vyarakoze kuri ivyo bikorwa vyabo, ariko bikora kandi kurusha ku banya-Karen basanzwe baba hafi y'ivyo bigo, bituma abategetsi b'iyo migwi berekana ishaka ryo kurangiza amabi bakora muri ivyo bigo. Baca batangura gufasha abashaka gutoroka, ibindi bigo navyo barareka ababikoramwo bose baravayo.
Thailande ivuga ko iriko irakora uko ishoboye kugira ifashe abahora bakora muri ivyo bigo vy'ubwambuzi gusubira mu bihugu vyabo.
Abakozi 260 babohowe barazanaywe muri uku kwezi. Abashinwa 621 bo batwawe n'indege ubwo nyene ibasubiza iwabo baherekejwe n'abaporisi mu ndege zari zakoteshejwe ngo zibajane.
Ariko ubundi, umurindi w'uko abo bakozi bashikanwa muri Thailande usa n'uwadindiye.

Ahavuye isanamu, BBC/ Lulu Luo and Jonathan Head
Ingorane ni uko baturuka mu bihugu bitandukanye, bimwe bikaba ata kinini bifasha kugira abantu bavyo bashobore gutaha. Hafi 130 y'abo 260 ba mbere bashitse baturuka muri Ethiopia, igihugu kitagira ubuserukizi i Bangkok.
BBC yabwiwe ko bimwe mu bihugu vya Afrika bizotahana abavyo ari uko gusa hari uwundi yemeye kubarihira itike. Benshi muri abo babohorwa nta na kimwe baba bafise; n'ibitabo vyabo vy'inzira biba vyagumijwe n'abategetsi b'ivyo bigo.
Thailande itinya ko izanye abantu ibihumbi izohava itegerezwa kumenya ingene ibabeshaho igihe itazi uko kingana. Ico gihugu gishaka kandi gusuzuma ngo gitandukanye koko abazanywe mu rudandazwa rw'abantu n'ababa barakoze ivyaha, ariko nta bushobozi gifise bwo kubikora ku bantu benshi gutyo.

Ahavuye isanamu, BBC/Lulu Luo
''Ikibabaje ni uko bisa n'uko ibintu vyahagaze,'' bivugwa na Judah Tana, umunya-Australia afise ishirahamwe ritegamiye reta rimaze imyaka rifasha abahuye n'ivyago vy'urudandazwa rw'abantu bakisanga muri ivyo bigo vy'ubwambuzi.
''Dufise amakuru y'uko hari ikibazo c'isuku n'utuzu twa surwumwe. Benshi muri abo bantu 260 bamaze gushika batowe indwara y'igituntu.
''Abakiri imbere bavuga ko abantu bakorora amaraso. Barashima cane ko babohowe bakavanwa muri ivyo bigo vy'ubwambuzi, ariko ikiduhagaritse umutima ni uko tutariko turabafasha ku murindi uhagije.''
Thailande isa n'iyishaka kuzana umugwi w'abanya-Indonesia 94, kuko ubuserukizi bwabo bumaze igihe bugerageza kubarekuza kandi bukaba bwaramaze kubafatishiriza indege.
Ariko aho muri Myanmar hazoba hagisigayeyo abantu 7.000, batazi ikibarindiriye.
Mike yambwiye ko we n'abandi benshi bari kumwe batinya ko batemerewe kujabuka muri Thailande, ababacungera bazohava babasubiza abakuru b'iivyo bigo vy'ubwambuzi, aho boheza bagahanwa kuko bagerageje kuhava.
Ku wa wa gatatu ubwoba bwo guterwa no guhema nabi vyaramufashe gushika aho ajanwa mu bitaro.
''Nta kindi nifuza atari ugutaha,'' niko yavuze kuri terefone. ''Nta kindi nshaka atari ugusubira mu gihugu iwacu. Ni ico nsaba gusa.''










