Abatari bake bapfuye mw’isanganya rya gari ya moshi zibiri zagonganye mu Bugiriki

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Alys Davies
- Igikorwa, BBC News
Abantu 36 ni bo bamaze kumenyekana ko bapfiriye mw’isanganya, aho gari ya moshi zibiri zagonganye mu buraruko bw’Ubugiriki, nk’uko bivugwa n’abajejwe ubutabazi.
Gari ya moshi ivugwa ko yarimwo ingenzi 350 yagonganye n’iyindi y’imizigo vyahuriranye hafi y’igisagara ca Larissa mw’ijoro rya nijoro ku wa kabiri.
Abajejwe ubutabazi baraye ijoro ryose bagerageza kurondera aboba bagihema, nk’uko bivugwa n’abajejwe gutuza imiriro y’ivyaduka.
Icateye iri sanganya gushika ubu ntikiramenyekana.
Iyi gari ya moshi yunguruza abantu yari iteye iva ku mugwa mukuru Athènes ija mu gisagara ca Thessalonika kiri mu buraruko, igihe yagongana n’iyo yiyi gari ya moshi, ivyatumye ibehewa imwe yadukamwo umuriro.
Umwe mu barokotse aravuga ingene ibehewa yarimwo yafashwe n’umuriro mu gihe yariko iratembagara inyuma y’aho izi gari ya moshi zigonganiye.
"Twumvise uruntu rubomboranya cane", niko Stergios Minenis yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters.
Ati: "Yabaye imisegonda cumi y’amahano. Twaguma ducuranguka muri iyo behewa. Gushika ihagarare. Mu nyuma hadutse ubwoba. Intsinga, umuriro. Bwo nyene haciye haka umuriro. Igihe twariko ducuranguka twariko turasha. Umuriro wari i bubamfu n’i buryo”.
"Mu misegonda 10, 15, kari akajagari. Uri abakoroka, uri imiriro, intsinga zenena, ibiyo vyamenetse, abantu bavuza induru, abantu baguye mu mutego”.
Iyindi ngenzi izwi kw’izina rya Angelos Tsiamouras yabwiye ibimenyeshamakuru vyo muri ico gihugu ko iri sanganya wamengo ni nyamugigima.
Kostas Agorastos, buramatari w’intara ya Thessaly, yabwiye imboneshakure ya reta ati: "Yari impanuka ikomeye.
"Ribaye ijoro ribi…biragoye kuvuga ivyabaye”.
Amashusho y’inyuma y’iri sanganya yerekana umwotsi mwinshi uduga uva mu mabehewa yatembagaye. Nibura imwe muri yo yajanjaguritse yose.

Ahavuye isanamu, Reuters

Ahavuye isanamu, AFP

Ahavuye isanamu, AFP
Abajejwe kuzimya imiriro y’ivyaduka bagera kuri 150 hamwe n’amamodoka y’ubutabazi 40 yari yashitse ahabereye iri sanganya, nk’uko bivugwa n’abajejwe kuzimya imiriro y’ivyaduka.
Abajejwe ubutabazi ntiborohewe na gato kubera ubukana bw’iyi mpanuka, nk’uko umuvugizi w’igisata kijejwe kuzimya imiriro y’ivyaduka Vassilis Varthakoyiannis yabibwiye abamenyeshamakuru.
Umwe mu bajejwe ubutabazi, n’uburuhe bwinshi avuye mu bisigarira, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ati: "Si nari bwigere mbona ibintu nk’ibi mu buzima bwanje. Ni ubugesera. Inyuma y’amasaha atanu, turacatora ibiziga”.
Uwundi umwe mu bajejwe ubutabazi nyene yabwiye imboneshakure y’igihugu ERT ati: "Turi mu vyago. Turiko turakurayo abantu bagikanura, bakomeretse…hari abapfuye. Tuguma ng’aha gushika duhejeje, gushika dutoye umuntu wa nyuma”.










