Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imvo n'Imvano: Ibitekerezo ku isabukuru ya CNDD-FDD, ubukwe ku myaka 18, Butera Knowless n'ifungwa ry'insengero
Mwaramukanye amahoro mwese muteze amatwi Imvo n'Imvano yo kuri uyu wa gatandatu tariki ya 19 y'ukwa 7 mu 2025. Uyu munsi twahaye umwanya abatwandikiye bifuza gutanga ibitekerezo ku biganiro tumaze iminsi tubagezaho.
Hari abifuje gutanga ibitekerezo ku kiganiro twabagejejeho ku itariki ya 21 y'ukwezi gushize, ikiganiro cyavugaga ku myaka 20 umugambwe wa CNDD-FDD umaze ku butegetsi mu Burundi, hari abifuje gutanga ibitekerezo ku kiganiro twabagejejeho ku itariki ya 17 y'ukwa 5 muri uyu mwaka, ikiganiro cyavugaga ku itegeko ryemerera abafite imyaka 18 gushakana mu Rwanda, hari n'abashatse gutanga ibitekerezo ku kiganiro twabagejejeho ku itariki ya 5 y'ukwa 4 muri uyu mwaka, ikiganiro twagiranye n'umuhanzi Butera Knowless wo mu Rwanda.
Hari kandi n'abatwandikiye bashaka gutanga ibitekerezo ku kiganiro twagize ku itariki ya 7 y'ukwezi gushize kwa 6, ikiganiro cyavugaga ku ifungwa ry'insengero mu Rwanda.
Iki kiganiro mwagiteguriwe kandi murakigezwaho na Félin Gakwaya.