Birashoboka ko Columbus yari umu Espagnol akaba n'umu Yahudi?

Igicapo kigereranya umuzo wa Christopher Columbus ku nkengera z'amazi, afise ibendera mu kuboko kw'ibubanfu

Ahavuye isanamu, The Print Collector/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Christopher Columbus yageze muri Amerika mu 1492, imigenderanire hagati ya Bulaya na Amerika iba iratanguye
    • Umwanditsi, Alex Smith
    • Igikorwa, BBC News

Umushakashatsi akaba n'ingenzi, yabaye icamamare mu mateka, Christopher Columbus, ashobora kuba yari afise amaraso y’aba Espagnol n'Abayahudi, nk'uko bivugwa mu bushakashatsi bushasha bwakozwe n'abahinga bo muri Espagne mu ntumbero yo gutanga umuco kw’ibanga rimaze imyaka amajana menshi.

Abahinga bemeza ko umushakashatsi, yahinduye amateka y'isi biciye ku rugendo rwiwe rwo kujabuka ibahari ya Atlantike mu 1492, bemeza ko bishoboka ko yavukiye mu burengerazuba bwa Bulaya, bishoboka ko ari mu muji wa Valencia.

Bibaza ko yahishe umwirondoro wiwe w'Abayahudi, canke yahindutse umu Gatolika, kugira ngo yikingire gutotezwa azira idini.

Ubushakashatsi bwakozwe ku duce ntangakamere twa ADN buvuguruza ivyakekwa mbere, abahinga mu vy'amateka benshi bari baragizeko amakenga, ko uyu mushakashatsi yari Umutaliyano akomoka muri Genoa.

Columbus yabaye imboneza mu rugendo rwari rushigikiwe n'abami b’abayoboke ba Ekleziya Gatolika bo muri Espagne bashaka gushiraho inzira nshasha yerekeza muri Aziya - ariko yisanga yageze mu mazinga ya Caraibes.

Kuhagera kwiwe kwabaye intango y’igihe co kugenderanira hagati y’imigabane y’Ubulayi na Amerika, ivyazanye kuhigarurira no kuhagerera - ndetse bihitana ubuzima bwa miliyoni nyinshi z’abasangwabutaka bazize indwara n'intambara.

Ibihugu bimaze imyaka bivuguruzanya ku nkomoko y’uyu mushakashatsi, benshi bakavuga ko ari uwabo.

Hariho amakuru agera kuri 25 avuguruzanya ku bijanye n’aho yavukiye, harimwo Pologne, Ubwongereza, Ubugereki, Portugal, Hongria na Scandinavia.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ubu bushakashatsi bushasha bushingiye ku myaka irenga mirongo ibiri bamaze bacukumbura.

Ubushakashatsi bwatanguye mu 2003, aho José Antonio Lorente, umwarimu wo muri kaminuza ya Granada, yanonosoye ibijanye n’ubushakashatsi ku bimenyetso (vyo ku mubiri) vyifashishwa mu bucamanza, hamwe n’umuhanga mu vy'amateka Marcial Castro, bacukura ivyari bikekwa ko ari ibisigarira vy’umubiri wa Columbus muri Cathedral ya Seville.

Columbus yapfiriye mu muji wa Valladolid wo muri Espagne mu 1506 ariko yifuza gushingurwa ku karwa ka Hispaniola, kamwe mu mazinga ya Caraibes. Ibisigarira vyiwe vyajanyweyo mu 1542 ariko inyuma y'ibinyejana vyinshi vyimurirwa muri Cuba imbere y'uko bishingurwa i Seville.

Abashakashatsi kandi bavanye ingero za ADN mu mva, no mu magufa y'umuhungu wa Columbus, Hernando, na mwenewabo Diego.

Kuva ico gihe, abahinga bagereranije ayo makuru y’irondakamere ryiwe, n'ayo abandi bamukozeko ubushakashatsi muri kahise, ndetse n'ayo bakuye ku bantu bo mu muryango wiwe, kugira ngo bagerageze no gutorera inyishu iki kibazo c'amayobera ku mamuko yiwe.

Iciyumviro cari cemewe n'abantu benshi ni uko Columbus yavukiye muri Genoa mu 1451, avukira mu muryango w'abantu bari batunzwe n’umwuga wo kujisha ubwoya bw’intama.

Ariko ubu bizera ko yaba muri Espagne - bishoboka ko hari muri Valencia - kandi yari Umuyahudi. Bibaza ko yahishe amateka yiwe kugirango yirinde gutotezwa.

Abayahudi bagereranywa muri 300.000 baba muri Espagne, imbere y’uko bategekwa hamwe n'aba isilamu, kuba abagatolika canke kuva mu gihugu mu 1492, umwaka Columbus yageze muri za Amerika.

Ivyavuye mu bushakashatsi vyatangajwe kuri televiziyo mu kiganiro bise “Columbus DNA:His True Origin, Porofeseri Lorente yavuze ko "vyizewe rwose".

Iki kiganiro caciye kuri televiziyo y'igihugu ya Espagne RTVE mw’ijoro ryo ku wa gatandatu - cahuriranye n'umunsi mukuru w’igihugu ca Espagne.

Umunsi wo guhimbaza igihe abashakashatsi bagera muri za Amerika.