Ibihugu vy'Abarabu bisaba ko intambara ihagarara, Amerika ikabona ko vyofasha Hamas kwiyegeranya

Umwana w'umukobwa yifashe mu maso inyuma y'igitero kw'ishure muri Gaza

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umwana w'umukobwa yifashe mu maso inyuma y'igitero kw'ishure rya ONU muri Gaza

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Reta Zunze Ubmwe za Amerika Antony Blinken arakomeza kubonana n'abategetsi bo mu karere k'uburasirazuba bwo hagati, ku rutonde rwiwe kuri uyu wa mungu yongeyeko Turkia.

Abanyamerika barondera ko haboneka ''akaruhuko'' [ko kugarukira ku bari mu kaga] muri iyo ntambara. Ku wa gatandatu Perezida wa Amerika Joe Biden yavuze ko hari intambwe yatewe muri iyo nzira.

Ariko ibihugu vy'Abarabu bisaba ko intambara ihagarara buno nyene, yamara Amerika ifise amakenga ko ivyo vyofasha umugwi Hamas gusubira kwiyegeranya.

Antony Blinken yabonanye na bande?

Ku wa gatandatu Antony Blinken yabonaniye i Amman n'abategetsi ba Liban, Qatar, Yorudniya na Misiri.

Umushikiranganji wa Yorudaniya ajejwe imigenderanire Ayman Safadi yasavye impande zompi ziriko ziragwana gukora kugira ''hahagarikwe akaga kazobandanya guhungabanya akarere ku myaka myinshi''.

Yabivuze ari mu kiganiro bagiriye hamwe na Antony Blinken n'umushikiranganji wa Misiri ajejwe imigenderanire Sameh Shoukry.

Yagize ati: ''Nibaza ko dukeneye kwibukanya ubuntu bwacu. Nibaza ko dukwiye kwemera ko kwica abandi bantu bitazogarura abo twatakaje ku mpande zompi, uko urupfu rwabo rwababaje kwose''.

Uwo mushikiranganji yakomeje avuga ko gukora ibishiboka kugira ''dukize uwundi muntu umwe arenzeko biduhamagara twese''.

Umushikiranganji wa Yorudania ajejwe imigenderanire Ayman Safadi

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa Yorudania ajejwe imigenderanire Ayman Safadi

Ati: ''Nk'abantu, twosigurira gute uwo ari we wese ko kwica abantu 9.000, kwica abana 3.700, gusambura amazu 150.000, gusambura ibitaro - twosigura gute ko ivyo ari ukwirwanira?''

Safadi yagabishije ko iyo ntambara iriko irasunikira ''twese mu manga y'urwanko no guta ubuntu bizotuma n'ubundi bwicanyi bwemerwa. Ivyo bitegerezwa guhagarara.''

Abariko barondera abo bari munsi y'ibihomoka inyuma y'igitero ca Israel muri Khan Yunis muri Gaza

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa Yorudaniya ajejwe imigenderanire avuga ko muri Gaza hamaze gusenyurwa amazu 150.000 kuva Israel itanguye ibitero haraheze hafi ukwezi

Ivy'uko intambara ihagarara Antony Blinken ntavyenera. Muri ico kiganiro ari kumwe n'abo bashikiranganji, yavuze ko guhagarika intambara kwoha Hamas akaryo '' ko gusubira kwiyegeranya no gusubira gukora'' ibitero nk'ico ku wa 7 Gitgutu (10) aho wishe abantu 1.400 ukanyuruza abarenga 200.

Na we umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yari yabonanye imbere y'aho na Antony Blinken, yavuze ko ata ntambara izohagarara mu gihe cose abo bagizwe imbohe batazoba bararekurwa.

Mu gihe ingabo za Israel ziguma zicucagira ibimbome kuri Gaza, ubushikiranganji bwa Hamas bujejwe amagara buvuga ko kuva ibitero bitanguye hamaze kwicwa abantu barenga 9.400.

Turkia yahamagaje uwuyiserukira muri Israel

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire kuri uyu wa mungu ategekanya kugendera igihugu ca Turkia.

Ariko ivyo bibaye mu gihe Turkia yahamagaje uwuyiserukira muri Israel kubera ico gihugu canse ihagarikwa ry'intambara kirimwo na Hamas.

Umushikiranganji wa Turkia ajejwe imigenderanire yavuze ko iyi ngingo yatumwe ''n'akaga kariko karabandanya muri Gaza gatewe n'ibitero Israel ibandanya ku banyagihugu basanzwe n'uko Israel yanka [kwemera] ko intambara ihagarara''.

Mu 2022, Sakir Ozkan Torunlar yabaye uwa mbere aserukiye Turkia muri Israel mu myaka ine inyuma y'aho ico gihugu kivaniyeyo uwahora agiserukira mu kwiyamiriza iyicwa ry'Abanya-Palestina baharurwa mu mirongo mu 2018.

Antony Blinken ategekanya kugendera Turkia gushika ku wa mbere. Ntibiramenyekana abo bozobonana abo ari bo mu bategetsi ba Turkia.

Ku ndwi iheze, umukuru wa Turkia Recep Tayyip Erdogan, yise Hamas ''umugwi wo kubohoza'' hanyuma yagiriza Israel kwigenza ''nk'umunyacaha wo mu ntambara''.

Israel yaciye ihamagaza uwuyiserukira muri Turka.

Israel, Amerika n'ibihugu vya Buraya bifata Hamas nk'umugwi w'iterabwoba.