Abarundi umunani bamaze umwaka urenga bapfungiwe ku kibuga c'indege muri Philippines baritabariza

- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru i Bruxelles
Hari abarundi umunani bavuga bamaze umwaka n'amezi abiri bapfungiwe ku kibuga c'indege ca Manille, umugwa mukuru w'amazinga ya Philippines.
Bahashitse bari mu nzira yo kuja kurondera ubuhungiro, inzira bivugwa ko hari abandi bari bamaze kuyikoresha kandi igakunda.
Abo barundi, bagizwe n'abagore babiri, abakobwa b'inkumi babiri, abana babiri bari munsi y'imyaka 8, hamwe n'abagabo babiri, bakavuga ko bari mu buzima butoroshe.
Bavuga ko bashitse Manille hagati y'ukwezi kwa 5 n'ukwa 6 mu 2024. Binjiye bizeye ko amashirahamwe yitaho impunzi n'abamukira azoca abaronderera ibihugu abajanamwo, ariko ntibarenze ikibuga c'indege. Bavuga ko gushika ubu ari ho bagumijwe aho bashizwe ukwa bonyene muri Terminal ya gatatu y'ico kibuga c'indege. Niho birirwa kandi bakarara.
Binjiye muri ico gihugu baciye muri Singapour aho umurundi ata ruhusha (visa) asabwa mu kwinjira muri ico gihugu co muri Asia yo mu bumamuko iyo ataharenza iminsi 30.
Nk'uko umwe muri aba Barundi yabibwiye BBC Gahuzamiryango, bahisemwo kuja muri Philippines (amazinga yo muri Aziya y'ubumanuko) kubera ko muri Singapour ata biro vy'ishami rya ONU rijejwe impunzi HCR rihari, baca babandanya gushika muri Philippines kugira ngo basabeyo ubuhungiro.
Ntibizwi igituma reta ya Philipppines yahisemwo kubazibirira ku kibuga c'indege aho aho umwe muri bo avuga ko bategetswe gusubira iyo baje bava, ni ukuvuga muri Singapour, nabo bakanka.
Avuga ko bafashwe nabi cane, aho batavurwa canke ngo bagaburirwe, baryama hasi bose ikivunga.
Ati: "Tumaze umwaka tutabona izuba canke hanze, dupfungiwe hamwe twese abagore, abana n'abagabo, ntaco dufise turyamako uretse udukarato twaheze n'udukeka dusaswa hasi twashitaguritse.
"Amatara aho dupfungiwe ntazima amasaha 24 kuri 24, tugaburirwa rimwe ku musi, indya z'intica ntikize, icibagiwe coco ni ukuvuzwa. Benshi turarwaye amafyigo, igisukari, umutima n'izindi ndwara zikeneye abaganga ariko ntituvuzwa. Eka no kwoga ntituronka ingene twoga.
"Tubayeho bunyamaswa, aho n'abaducunze badutuka ko turi abirabure, dusa nabi, ibijuju, ko rero dukwiye gusubira iyo twaje tuva".
Mu gihe ata n'umushingwamanza bafise kuva bashitse muri aya mazinga, bavuga ko bituye ishirahamwe HCR ryo muri Phillipines ariko ko ataco ryabafashije.
Bamaze kubona ko HCR yo muri Phillippines n'ubutegetsi bw'ico gihugu ataco bariko burabafasha, bahavuye bitura ishirahamwe rijejwe impunzi ku mugabane wa Bulaya, baciye kw'ishirahamwe ry'impunzi z'Abarundi baba mu Bubiligi (Burundian Refugee Voice) risanzwe rikorana na HCR kuri uwo mugabane.

Désiré Ndayizeye arongoye iri shirahamwe yabwiye BBC Gahuzamiryango ko kuva batabajwe bagerageje gusemerera ariko bikaba ivy'ubusa.
Ati: "Twararondeye HCR y'i Bulaya dusanzwe dukorana buri munsi, itubwira ko iriko iravugana na HCR muri Aziya hamwe n'igihugu ca Philippines, ariko twararindiriye ko boduha inyishu itomoye turabura.
"Ibiriko bishikira Abarundi muri Philippines ni agatukisha ku burenganzira bwa muntu".
HCR ku mugabane wa Bulaya ivuga ko iki kibazo ikizi kuko yagishikirijwe, ikavuga ko iriko igerageza kuvugana na HCR yo muri Aziya na reta ya Philippines ariko ko bitoroshe.
BBC Gahuzamiryango yandikiye ubutumwa muravyo (email) igisata ca Philippines kijejwe abinjira n'abasohoka ariko iyi nkuru irinze yandikwa kitarishura , inyuma y'iminsi itatu.
Inkuru y'abo Barundi yatanguye kuvugwa na VOA Ijwi rya Amerika igikora mu kwezi kwa mbere uyu mwaka wa 2025.
Ico gihe ibajije ubushikiranganji bw'Uburundi bujejwe imigederanire bwavuze ko butabona aho bwohera mu gutabara abo Barundi kuko ''banse ko amanomero ya terefone yabo amenyekana muri ubwo bushikiranganji, kandi na reta ya Philippines ataco iratangariza ubwo bushikiranganji'', nk'uko umuvugizi w'ubwo bushikiranganji Sonia Niyubahwe ico gihe yabwiye iyo radiyo. VOA yavuga ko abo Barundi boba bashika 70.
N'uno Murundi yavuganye na BBC yavuze ko afise amakuru ko hari abandi bantu barimwo n'Abarundi boba baragumijwe kuri ico kibuga - nk'uko kwabo - mu yandi ma 'terminal'' ariko ko atazi uko bangana.
Abajijwe nimba boba barituye ubushikiranganji bw'Uburundi bujejwe imigenderanire kugira ngo bubafashe, uno Murundi yishuye ko atavyo bakoze kuko ku bwabo ata muntu avugana na reta yahunze, nk'uko biri mu "masezerano y'i Genève yo mu 1951".









